Ishure Ephphata ryigisha abanyeshure bagendana ubumuga bwo kutumva no kutavuga riri muri zone Maramvya intara ya Bujumbura rirafise ingorane z’ubuke bw’abigisha bashobora kwigisha bakoresheje ibimenyetso. Ivyo bituma bamwe mu bigisha bigisha ivyigwa vyinshi n’amasaha meshi, gutyo bakahakura zimwe mu ndwara zituruka k’uburuhe. Ubuyozi bwiryo shure busaba ko iryo shure ryokwongerezwa abigisha.
Nk’isaha zitandatu n’iminota 45 z’umutaga, kw’isaha ishira iya nyuma y’ivyigwa kw’ishure ryigako abana bagendana ubumuga bwo kutumva no kutavuga ariryo Ephphata riri muri quartier Maramvya mu ntara ya Bujumbura, Réverien Bizimana , ariko yigisha icirwa ca Biologie mu mwaka w’icenda. Mubo yigisha harimwo abagendana ubwo bumuga n’abandi ata bumuga bafise. Mu kwigisha akoresha ibimenyetso kugira abatumva ntibavuge bashobore kumukurikira ariko kandi akigisha avuga, kugira abadafise ubumuga bajane nawe.
Ariko avuga ko akazi karuhisha kwigisha iyo mirwi ibiri y’abana mu mwanya umwe:
“dusa n’ab’itangira abana twigisha kuko turaruha cane tukagira ibibazo haba kuburyo bw’umubiri no mu buryo bwo kuvuga, bikaturuhisha rwose kuko twigisha iyo mirwi ibiri yose.Turiko turabigisha rero bisaba ko dukoresha ibihimba vyose“, niko uwo mwigisha avuga.
Ukutoroha gutanga ivyigwa mu mwanya umwe kuri iyo mirwi ibiri y’abanyeshure, kuremezwa kandi n’uwujejwe ivyigwa kuri iyo iryo shure. Zabulon Nkurunziza avuga ko hari abigisha bakuye indwara muri ubwo buryo bigishamwo, bikunyurwa nuko badakwiye
“hariho ivyigwa tugeramwo bikatugora rwose. Abigisha bararuha cane mbere bamwe usanga bariko bavuga ko bagwaye amaguru kubera kuguma bahagaze guhera mu gitondo. Turonse abigisha bakwiye vyodufasha kuko boja barafashanya bakanagabura ivyigwa ndibaza ko vyosahiriza bikanagabanya umunaniro w’abigisha”, niko uwo ajejwe ivyigwa avuga.
Kubera kuba bake kuri iryo shure, Réverien Bizimana yigisha kuri iryo shure, avuga ko ivyo bituma we yisanga ariko yigisha ivyigwa atabwirizwa kuba ariko arigisha.
“jewe nize ibiharuro (mathématique).,nivyo nize kuri kaminuza. Mugabo kubera ata bigisha bahari baca bampa mu cigwa ca science na technoligie nkigisha chimie canke biologie canke physique kugira ngo kugira ngo ntihabe ivyigwa bitigishwa“.
Uretse ukubura abigisha bakwiye kuri iryo shure, abarirongoye banavuga ko icigwa kijanye n’ivyubuhinga bwa none informatique cigishwa nabinabi kubera ko ico kigo kitagira umuyagankuba, inyuma yaho cimukiye aho mu Maramvya kivuye aho cahora gikorera muri zone Gihosha, haraheze imyaka ibiri. Ariko ubuyobozi bw’iryo shure bushima ko n’ubwo hari izo ntambamyi, abanyeshure baronka amanota meza mu kibazo ca Reta co mu mwaka w’icenda.
”Urugero rwo kumenyesha abana, turashima uko bimeze. Bitera biduga. Guhera 2012, niho twemererwa ko abana bakora ibibazo vya Reta, nta gihe turabona habura uwumenya mbere hari n’igihe bamenya ijana kw’ijana. Nk’uno mwaka, mu banyeshure 10 bakoze ikibazo, 2 muribo bararonse amanota abaha uburenganzira bwo kubandanya amashure y’inyuma ya shure nshingiro”, niko uwurongoye ivyigwa kuri iryo shure abandanya avuga.
Uyu mwaka wa 2025-2026, ishure Ephphata ryiteze kwakira abana bagendana ubumuga bwo kutumva no kutavuga biga baba mu ndaro z’iryo shure bagera kw’175 mu gihe umwaka uheze wa 2024-2025 bari 169.