Abana bashika 100 bari barataye amashure kumvo z’ubukene bariko baregeranywa n’umurundikazi asanzwe aba mu gihugu ca Tchad mu ntumbero yo kubasubiza ku mashure.
Sonia Nininahazwe avuka mu gisagara ca Bujumbura ariko ubu akaba arangurira imirimo mu gihugu ca Tchad avuga ko ikimuraje ishinga ari ugufasha abarundi n’abarundikazi batishoboye mu buryo afise ngo kuko bikwiye ko umuntu abaho afise ico amariye abandi. Ivyo yabivuze mu gihe mu Ntara ya Karusi aho abavyeyi biwe bakomoka yatanguje umugambi wo gusubiza ku mashure abana bayahevye kuva kw’igenekerezo rya 30 Kigarama umwaka wa 2024 abifashijwemwo n’abarongoye intwaro hamwe n’abarongoye indero muri iyo ntara.
Sonia avuga ati:”Nagize ico ciyumviro kuko bimpa amahoro iyo mbonye ko ndiko ndafasha abandi bantu. Rero niyumviriye ko hoba hariho abana bahevye amashure kubera amikoro make kandi bari bazi ubwenge. Niho nagira uwo mugambi wo guca ku ndongozi mu ndero hamwe no mu ntwaro kugira bamfashe kwegeranya abo bana maze basubire mu mashure”.
Nininahazwe avuga kandi ko hambavu y’ivyo aheruka no gufasha abatishoboye bo mu ma komine ya Bugenyuzi, Buhiga hamwe na Site yakira impunzi muri iyo ntara nyene ya Karusi mu kubaha udukarata two kwivurizako dushika 600 hamwe n’amasuka 200.
Uwo mu diaspora avuga kandi ko igikorwa co gufasha azokibandanya ndetse agahamagarira abandi barundi baba mu mahanga gufasha mw’iterambere ry’igihigu cabibarutse hamwe no kwitaho abarundi batishoboye.