Inyuma yo kumara igihe kitari gito uwo mugwi wo mu ntara ya Gitega witegurira umugwi Al Akhdar SC wo mu gihugu ca Libiya, Flambeau du Centre wirahiye Al Akhdar SC ibitsindo bibiri kuri kimwe.
Umugwi Al Akhdar watanguye usatira cane mu minota ya mbere gutyo umukinyi Manuel David Afanso abona igitsindo k’umunota wa 13 w’igice ca mbere, kirangira umugwi Al Akhdar SC uri imbere n’igitsindo kimwe k’ubusa.
Ntibitevye igice ca kabira kiratangura, umugwi Al Akhdar SC wagumye urondera igitsindo ca kabiri ariko biranka ko ukironka maze umugwi Flambeau du Centre ubona igitsindo co kugombora biciye kuri kizigenza wabo Asman Amissi.
Iminota 90 yarangiye imigwi yose inganya igitsindo kimwe ku kindi. Umuhagarikizi agira kane yongeye iminota itandatu ariko uwo hagati afata icemezo co kwongera iminota icenda bivanye n’ingene bagiye barayitakaza.
Bimaze kugenda ukwo umugwi Flambeau du centre uronka inguvu zo kurondera igitsindo ca kabiri, ntibitevye umukinyi yinjiye agomboye David Irishura abona igitsindo ca kabiri gutyo urukino rurangira Flambeau du Centre utsinze Al Akhdar SC ibitsindo bibiri kuri kimwe mu rukino rwa mbere mw’ihiganwa rya Caf Confederation Cup, inkino zo kurondera uburenganzira bwo kuja mu matsindo y’ihiganwa nyezina rya Caf Confederation Cup 2025.
Mu ndwi zitarenga zibiri umugwi Flambeau du Centre uzoja gukina urukino rwo gusubiriza muri ico gihugu ca Libiya.