Ibibazo biri mu mugwi Kayanza United nivyo biriko biratuma uwo mugwi wo mu ntara ya Kayanza ushobora kuzimangana mw’ihiganwa rikuru rya Primus ligue Burundi.
Ivyo bibazo vyatanguye kwibonekeza mu gihe umugwi wari kwakira umugwi Olympic Star wo mu ntara ya Muyinga ku kibuga Gatwaro usanzwe wakirirako uwo mugwi Kayanza aho urukino rutabaye utegwa impaga.
Indwi ya 22 umugwi Kayanza United uzokwerekeza mu ntara ya Makamba aho uzokwakirwa na Aigle Noir CS ariko abakinyi bakaba bamaze igihe batariko barakora imyimenyerezo kubera hariho ivyo basaba batararonka.
Muri ivyo basaba harimwo cane cane imishahara y’amezi 4 bakishuza kandi prime de Match y’inkino zigera kuri 5 hamwe n’amafaranga umukinyi ahabwa iyo yinjiye mu mugwi avuye ahandi. Kuri ivyo hiyongeyemwo ikindi kibazo c’umumenyereza batarahemba amafaranga.
Bivurwa ko gushika ubu abakinyi bose basigaye mu Kayanza basabwe kwimenya uko bafungura kumvo z’uko aho bahora bafungurira babankiye kubera amadeni yabaye umurengera.
Abakunzi b’inkino bakibazo nimba uwo mugwi uzorangiza ihiganwa ukiri mw’ihiganwa rikuru. Aho ni mu gihe hari hasigaye inkino 9 ihiganwa rya Primus ligue Burundi 2024-2025 ngo rirangire.