homepageKirundiSport

Umugwi Muzinga waciwe ihadabu ry’ibihumbi amajana atanu

Umugwi Muzinga waciwe ihadabu ry’amafaranga angana n’ibihumbi amajana atanu vy’amarundi bivuye ku kwigenza nabi kwa bamwe mubagize uwo mugwi.

Ivyo vyabaye igenekerezo rya 8 Ntwarante aho umugwi Muzinga wariko urakina n’umugwi Bujumbura city ku kigo c’ubuhinga kiri mu Ngagara CTN aho igice ca mbere cari carangiye umugwi Bujumbura city uri imbere mu bijanye n’ibitsindo.

Niho abakinyi ba Bujumbura city bavuye mu karuhuko k’igice ca mbere baciye baja gukora mw’izamu ry’umugwi Muzinga wari guca ushikiramwo hanyuma bamwe mu bakunzi ba Muzinga harimwo n’abambaye impuzu zisa n’iz’igisirikare baciye binjira gushwana.

Muri abo bari bambaye impuzu zisa n’iz’igisirikare baciye bakubita bamwe mu bakinyi b’umugwi Bujumbura city. Akanama kajejwe indero mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru FFB kaciye gafata ingingo yo guhana uwo mugwi wa Muzinga.

Ako kanama kahanishije uwo mugwi wa Muzinga ihadabu ringana n’ibihumbi amajana atanu kongera kabamenyesha ko ata mukunzi w’uwo mugwi azosubira kuja gushigikira uwo mugwi yambaye irya myambaro isa n’iy’igisirikare kiretse abazoba bacungereye urukino rw’uwo musi.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE