EntertainmentKirundi

Umugwi MW team uje utavyorosha ku ndirimbo yabo nshasha

Niyongabo Dior umwe mu barongoye umugwi MW team avuga ko ari umugwi ugizwe n’abantu batatu ariko umwe niwe atagaragaye muri iyo ndirimbo bise “Natura ijambo“. Iyo ndirimbo bayanditse bayikuye mw’ijambo bigishijwe agasaba aba diaspora hamwe n’ababishoboye kubashigikira kugira baronke (management) kuko ariho bagitangura umuziki.

Mu kiganiro indundi hit show co kuwa 30 nzero 2025 gica ku nsamirizi Indundi culture, Dior ashikiriza ko kugira bakore iyo ndirimbo vyabafashe umwanya munini hamwe n’uburyo bwinshi kugira baje munzu ihinyanyura umuziki arico gituma yatevye gusohoka.

Uyo muririmvyi amenyesha ko MW Team bisigura “Ingabo z’inkomezi”. Iryo zina ryavuye mwijambo ry’Imana riri muri Ezekieli. Ngo batanguye ari batanu ariko ubu basigaye ari batatu. Abo babiri baciye bagenda mu bindi hamwe ariko ivyo ntabwo vyabaciye intege canke ngo umugwi usambuke. Arashima Imana ko babandanije bakora gushika ubu.

Dior ashikiriza ko iyo ndirimbo kubona itagira isanamu ar’uko babuze amafaranga yo kuja mu nzu ihinyanyura umuziki kugira ngo isanamu ziboneke. Impamvu bahisemwo kugira audio bashaka ko abantu babone igikorwa bariko bakora. Avuga kandi ko icatumye bashimyea umudiho bayikozemwo aruko bakunda umugwi “victories team “. Arashimira abantu bose bariko bakora ama challenge ku ndirimbo yabo ubu ikaba igeze kuma views 2.1k .

Niyogabo Dior avuga ko uyu mwaka wa 2025 bagiye gukorana inguvu zidasazwe. Agasaba aba diaspora hamwe n’abandi ko bobashigikira nk’urwaruka rw’Uburundi kugira nabo bashike ku ndoto zabo.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE