EntertainmenthomepageKirundiSport

Umugwi nserukira gihugu waraye ukoze imyimenyerezo igira kabiri

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 2 Nyakanga 2025 i Abidjan muri Côte d’Ivoire umugwi nserukira gihugu w’Uburundi wakoze imyimenyerezo igira kabiri yo kwitegurira igihugu ca Côte d’Ivoire mu rukino rwo kurondera igikombe c’isi c’umwaka wa 2026.

Abakinyi bari basigaye nka Kizigenza Fréderic Nsabiyumva , Niyukuri Clauss , Parfait Bizoza , Bizimana Aladin hamwe na Mossi Tresor bose bitabiriye imyimenyerezo y’uno musi .

Urukino ruzoba ku musi wa gatanu igenekee rya 5 Nyakanga 2025 igihe c’isaha zibiri z’ijoro mu masaha yo mu Burundi, urwo rukino ruzobera ku kibuga Houphouet Boigny Félix.

Intamba mu rugamba zigaheza gukina na Côte d’Ivoire zizoca zikina na Gambia igenekerezo rya 9 Nyakanga 2025. Urwo rukino Gambia yahisemwo y’uko rubera mu gihugu ca Kenya bivanye n’uko ico gihugu ata kibuga gifise.

Uburundi bukaba buri mu muce wa F n’amanota 10 muri izo nkino mu gihe Côte d’Ivoire ariyo ifata ikibanza ca mbere n’amanota 16, Gabon nayo igafata ikibanza ca kabiri n’amanota 15.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE