Inyuma yo kwagiriza amakosa menshi umukinyi w’umugwi le messager ngozi . Ubuyobozi bw’uwo mugwi bwaraye bwirukanye umusatirizi azwi kwi Zina rya Gaël Ninziza
Kw’igenekerezo rya gatatu 03 ntwarante niho uburongozi bw’umugwi bwashira ahabona amwe mu makosa bwagiriza umukinyi Gaël Ninziza harimwo kutagira indero , Gutana urukino abandi, kuja gukina imikino itazwi atabisabiye uruhusha , guteza akajagari muri imwe mu mazu yakira ingenzi , be no kwiba Imwe mu ma telephone y’umwe mu bakinyi bakina muri uwo mugwi.
Gaël Ninziza we arahakana ivyo vyose yagirizwa agasigura ahubwo kumwe mu bitumye yirukanwa ari uko yagiye gukina urukino rwo mumahiganwa ahuza amashure , akamenyesha ko ahubwo agiye kwitura ubutungane .
Ni mugihe uwo murwi waheruka kwirukana uwahoze ari umumenyereza mukuru Vivier Bahati kw’igenekerezo rya 19 ruhuhuma uyu mwaka wa 2025.