CoopérationhomepageKirundisécurité

Umukuru w’igihugu yatumiwe mu birori vyo gusinya amasezerano y’amahoro hagati ya RDC n’ u Rwanda

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, yatumiwe na mugenzi we arongoye igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump i Washington DC aho hategekanijwe ibirori vyo gusinya amasezerano hagati ya Repuburika y’ u Rwanda na Repuburika iharanira Demokarasi ya kongo (RDC) kuwa 04 Kigarama 2025.

Mw’itangazo ryateweko igikumu n’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Rosine Gatoni, ryemeza ko Perezida Ndayishimiye azokwitabira ivyo birori. Umukuru w’igihugu c’u Burundi yitavye ibi birori nk’umwe mu ndongozi zifise uruhara rukomeye mu biganiro vy’amahoro vyagiye biraba no mu gushigikira umutekano mu karere k’ibiyaga binini.

Muri ibi birori hitezwe ko Perezida Paul Kagame w’u Rwanda azohura imbonankubona na Perezida Felix Tshisekedi wa RDC, aho bazoshira umukono ku masezerano y’ amahoro yitezwe guhagarika burundu ukutumvikana kumaze imyaka itari mike hagati y’ivyo bihugu bibanyi. Aya masezerano yashitsweko inyuma y’ ibiganiro vyari bimaze igihe kitari gito bihuza impande zompi zifashijwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika na Quatar.

U Burundi, biciye kuri Perezida Ndayishimiye bwagiye bugira urahara mu biganiro vy’ amahoro, harimwo n’ ivyabereye I Nairobi muri Kenya, aho bwashigikiye ibiganiro hagati ya Leta ya RDC n’ imigwi yitwaje ibigwanisho.

Muri ibi birori kandi haritezwe n’izindi ndongozi zo mu karere nka Perezida wa Kenya William Ruto, hamwe n’ abaserukira Umuryango wa Afurika y’ Ubuseruko (EAC). Hari kandi n’ amakuru avuga ko hashobora gusinywa n’ amasezerano y’ ugukorana mu vy’ ubutunzi hagati ya Amerika n’ivyo bihugu vyompi.

Aya masezerano ni intambwe ikomeye mu kugarukana amahoro arama mu karere k’ibiyaga bini. Ariko kugira agire ico ashitseko bizosaba kwiyemeza ko impande zompi ziyubahiriza, amakungu ko afasha mu kurwanya imitwe yitwaje ibirwanisho, hamwe no gishira imbere inyungu rusangi.

Urugendo rwa Perezida Ndayishimiye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika rushimangira uruhara rw’ u Burundi mu kugarukana amahoro n’ ugufasha mu biganiro vy’ akarere, mu gihe amakungu abandanya gushigikira intambwe zose zishika ku mahoro arama.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE