KirundiSport

Umumenyereza wa Les Jeunes Athletiques yahanwe na FFB

 

Bibuka Trésor umumenyereza w’umugwi Les Jeunes Athletiques ukina mu cicaro ca kabiri agiye kumara ikiringo c’umwaka wose atamenyereza uwo mugwi.

Uwo mumenyereza akaba yahanwe n’umugwi ujejwe inyifato n’akarangamutima mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ( Commission de Discipline et d’Ethique) aho yagirijwe ko ku rukino rwahuje Telaviv na Les Jeunes Athlétiques kw’igenekerezo rya 22 Kigarama 2024 ku kibuga ca CTN ko yabwiye amajambo y’ibitutsi uwujejwe igisata c’abahagarikizi muri FFB, Evariste Murengerantwari. Ivyo vyabaye mugihe Murengerantwari yariko agerageza guhoyahoya imishamirano yari hagati y’umugwi w’abamenyereza, abunganirizi b’umugwi Les Jeunes Athlétiques hamwe n’abari bahagarikiye urwo rukino. Abo bose ngo baguma biyamiriza ingingo zose zafatwa n’abo bahagarikizi.

 

Ijambo ritabereye uwo mumenyereza yagirijwe ngo yavuze ati : ”REKANA N’ICO KIROFA”, aho rero ngo yavuga uwurongoye igisata c’abahagarikizi mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB mugihe yariko agerageza kuganiriza icegera c’umumenyereza.

Ikosa rikurikira n’uko uwo mumenyereza amaze guhabwa ikarata itukura yaciye yanka kuja mu bwambariro ( Vestiaire).

Hambavu y’uguhanwa umwaka wose, Bikuka Trésor abwirizwa kandi kuriha ihadabu ringana n’iibihumbi amajana abiri vy’amarundi ( 200,000fbu) bitarenze igenekerezo rya 10 Ruhuhuma 2025.

Mwomenyako umugwi Les Jeunes Athlétiques umaze gukina inkino 4 , ukaba uri mu kibanza c’indwi n’amanota 3 mw’itsinda A.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE