KirundiSante

Umuntu arashobora kubaho ubuzima busanzwe afise indwara y’igisukari

Bamwe mu basinzikazwa n’indwara y’igisukari (Diabète), ahanini babiterwa no kutayimenya hakiri kare. Muganga Alida Mireille Uwimana ariko yemeza ko mugihe umurwayi yitwararitse ivyo gufungura neza bituma amagara amera neza mbere akabaho ubuzima busanzwe nk’ubwabandi bose.

Uyo muganga yanonosoye ibijanye no kuvura indwara y’igisukari hamwe n’ibijanye no gufungura Alida Mireille Uwimana, avugako umuntu ashobora kubaho neza mu gihe afise iyo ndwara kuko ibisabwa gufungura muri ico gihe bitaba bizimvye cane nk’uko benshi bavyibaza.

Uyo yanonosoye ibijanye nokuvura indwara y’igisukari avuga ko intambamyi kenshi ziva ko umuntu ataba afise impanuro z’ukuri ku bijanye nivyo gufungura;  iyindi  ntambamyi ikaba iyijanye n’imiti bakenera ku munsi ku munsi yaduze ibiciro.

Alida Mireille Uwimana aranavuga zimwe mu ngaruka zishika iyo umuntu adakurikiranye neza ibisabwa ,aha avuga kurwara  indwara z’uruhumyi,amafyigo , indwara z’umutima ,kuvyimba canke gutoboka amaguru hamwe n’indwara zifata ubwonko.

Muganga Alida Mireille Uwimana ahamagarira abarwayi b’indwara y’igisukari kwitura abaganga bakongera bakubahiriza impanuro babahaye,ikindi nuko n’abatoba barandura iyo ndwara bakwiye kwama baja kwipimisha,ndetse bagapimisha n’abana bafise guhera ku myaka 10 baba bafise ibiro vyinshi ,uwukuze  nawe akwiye kuja kwipimisha mugihe afise imyaka 35.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE