Umushikirangaji muvyo ajejwe harimwo uburimyi n’ubworozi avuga ko ubu amafaranga mva makungu azova mu giterwa c’ikawa ubu n’umurimyi azoshikirwa. Ni mugihe ubu ikiro c’ikawa kigurwa amafaranga mva makungu angana n’amadorare atandatu.
Bugingo hari imyidogo ko ifumbire yabuze, umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo uburimyi n’ubworozi Prosper Dodiko avuga ko abarundi batokwiyibagiza ko ibikoresho bikenerwa mw’ihingurwa ry’ifumbire bigurwa amafaranga mva makungu, aho avuga ko ico atari ikibazo c’ubushikiranganji bw’uburimyi gusa ahubwo ari ikibazo c’abarundi bose. Abahamagarira gushira inguvu ahantu hose hava amafaranga mva makungu.
Prosper avuga ko ari kubw’iyo mvo yatumye hashirwa inguvu nyishi ku giterwa c’ikawa hamwe n’icayi aho ikiro c’ikawa cahora kigurwa hagati y’idorare 3 na 4 ariko ubu ikiro c’ikawa kigeze ku mafaranga mva makungu ashika ku madorare 6.
Kubw’ivyo kandi aratanga agakuru keza ku barimyi b’ico giterwa ko nabo bagiye kwongerwa amafaranga bahora baronka kuri ico giterwa kuko babona ko uyu mwaka hagiye kuzobaho inyungu kuko bizigiye ko bazova ku bice 25% bashike kuri 60%.
Umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi Prosper Dodiko ahamagarira abarundi bose gushinga ijisho ahantu hose babona hova amafaranga mva makungu.