Nsengiyumva Yohana ni umuririmvyi avuka mu ntara ya Cibitoki, benshi bamuzi kw’izina rya Aim -G .Avuga ko akeneye aba mufata mumugongo mu gusohora amasanamu no kuja munzu zihinyanyura umuziki (studio) . Agasaba ababishoboye ko boraba ibikorwa ariko arakora kugira ngo nawe ashike ku ndoto ziwe.
Mu kiganiro yahaye insamirizi Indundi Culture kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 14 Nzero 2025 yamenyesheje ko indirimbo yiwe nshasha yise ‘’it’s not me’’ yamutwaye umwanya munini kugira isohoke. Abavyeyi biwe nibo gusa ngo bamufasha gusohora amasanamu n’ukuja muri studio. Avuga ko yatanguye umuziki ari mu mwaka w’umunani gushika ubu ngo afashwa n’abavyeyi biwe gusa.
Uwo muririmvyi avuga ko ku rubuga rwiwe rwa YouTube afiseko indirimbo zibiri gusa. N’ubwo biri uko, avuga ko afise indirimbo nyinshi abuze gusa abamufasha kugira azishire ahabona. Iyindi mpano afise ni iyo gucapa.
Aim-g ashikiriza ko abaririmvyi yipfuza kuzokorana ninka D-One, Big Fizzo hamwe na Kelly. Arashimira umuhinyanyuzi wiwe YANG uko amufasha mu bikorwa bakorana.
Uwo muririmvyi avuga ko hariho indirimbo igiye gusohoka mu misi iza agahamagarira abarundi n’abanyamahanga kuja ku rubuga rwiwe rwa YouTube kuraba ibikogwa akora.