EntertainmenthomepageKirundiMusic

Umuririmvyikazi Channel Ndayikeza yasohoye indirimbo nshasha

Channel Ndayikiza avuga ko iyo indirimbo yaje mu vyiyumviro abona kuyandika. Arasaba ko yoronka abamufasha “management” kugira ngo abandanye ico gikorwa co kuririmba.

Iyo ndirimbo yise “urumwizigirwa” aheruka gusohora, iriko iravyifatamwo neza ku rubuga rwiwe rwa YouTube ndetse no ku nsamirizi zitandukanye, ibandanya iryohera abantu batari bake. Channel agira ati: “Nataguye kuririmba nkiri umwana muto.  Navukiye mu muryango ukijijwe mu nyuma nca mfata intumbero yo kuza ndandika indirimbo zinzamwo gushika aho niyumvira gusohora iyi ndirimbo.

Channel ashikiriza ko yatanguye urugendo rwo kuririmba indirimbo mpimbaza Mana kuva mu mwaka wa 2022 akaba yafashe urwo rugendo kuko abikunda kandi bikongera bikaba biri muri we. Iyo ndirimbo si Album ariko yabanje kuyisohora kugira ngo abantu bamenye igikorwa afise hama mu nyuma azoce atangura gusohora ama Album arico gituma ashaka abantu bamufata mu mugongo kugira ngo agume agaragaza ingabire afise muri we .

Channel ngo yipfuza gukora cane muri uno mwaka wa 2025 mu gukora ama collabor. Arashimira abantu bose bamufashije kugira ngo isanamu iboneke kandi ikanagaragara ku mbuga ngurukana mbumenyi.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE