Jean Noël Nshimirimana arongoye ihinguriro Superbat mu Burundi amenyesha ko hagiye gutangwa umutonore w’imodoka ku muririmvyi azoba yakoze neza gusumba abandi.
Yabimenyesheje mu kiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 10 gitugutu 2025 avuga ko hagiye gutunganwa ihiganwa rizoha akaryo abakunzi b’umuziki kugira ngo bitorere umuririmvyi yakoze neza gusumba abandi.
Iryo higanwa rikaba rifise ihangiro ryo kuraba no guha agaciro ibikorwa bijanye n’umuziki ndundi, akaranga, guhingura ibikorwa mva bwenge no gutera intege urwaruka ruriko rurashimwa kugira rube icitegererezo c’abandi ku neza y’igihugu.
Ibisabwa kugira uje muri iryo higanwa ni kuba uri umurundi ukwije imyaka 18, kuba usanzwe uri umuririmvyi amaze gusohora indirimbo n’amasanamu yayo muri uyu mwaka wa 2025 no kuba ufise imbonakazoza.
Kwiyandikisha muri iryo higanwa bikaba vyatanguye kuri uyu wa 10 Gitugutu nyene rikazomara ikiringo c’imisi 10. Inyuma y’iyo misi 10 hazoca haba imisi 14 y’igice ca mbere gushika mu mpera za Gitugutu.
Umugwi ugizwe n’indirimbo 10 uzoshirwa ahabona mu ntango z’ukwezi kwa Munyonyo, hace haba ugutora nyezina.
Amanota y’abakunzi b’umuziki ni 50%, amanota yo k’umbuga ngurukanabumenyi ni 30% mugihe Jury ari 20%.
Iryo higanwa rikaba rizosozerwa kw’igenekerezo rya 15 Munyonyo 2025, uwuzotsindira iryo higanwa akaba azoronswa imodoka nshasha.