Haraye handitswe urupapuro rushasha mu mateka y’akarere k’ibiyaga bini, aho abakuru b’ibihugu vya Repuburika iharanira demokarasi ya Congo (RDC) n’u Rwanda bateye umukono ku masezerano y’amahoro n’iterambere i Washington DC kuwa 4 Kigarama 20205. Ayo masezerano yashitsweho ku bw’uruhara rukomeye rwagizwe n’umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe bwa Amerika, Donald Trump, akaba yabereye mu kigo gishasha kizwi nka “Donald J. Trump Institute of Peace”.
Ni ijoro ryari ririndiranywe igishika cinshi cane mu karere k’ibiyaga binini. Ni inyuma y’aho Perezida Tshisekedi na Perezida Kagame bamye barangwa no guterana amajambo hagati yabo. Iyi nyifato yabandanije no muri ibi birori aho bari bicaye iruhande ya Perezida Donald Trump, aho bateye umukono ku masezerano ata n’umwe araba ryiza mugenzi we, eka mbere inyuma yo gutera umukono ntawahaye ikiganza uwundi, nkuko bisanzwe bimenyerewe hagati y’ abantu bamaze kwiyunga.
Aya masezerano agamije guhagarika intambara hagati y’ impande zose zifitaniye isano n’ intamabara mu buseruko bwa Kongo, gusubizaho umubano ushingiye ku migenderanire hagati ya Kigali na Kinshasa, harimwo ukugurura imbibe no gusubiza abaserukira ibihugu mu mabanga. Nkuko vyashimangiwe na Perezida Donald J Trump aya masezerano agizwe n’ ingingo nkuru nkuru nko guhagarika intambara burundu, kwaka ibirwanisho imihari yose igwana, gutahukana impunzi mu zabo, gushiraho ubucamanza no guhana abagize uruhara mu bwicanyi bwagiye buraba, hamwe n’ amasezerano ajanye n’ ivy’ ubutunzi.
Uretse Perezida Donald Trump aya masezerano kandi yahagarikiwe n’ abakuru b’ ibihugu bavuye mu Burundi, Kenya, Togo, Angola, Quatar hamwe n’ intumwa zavuye muri Uganda no mu bumwe bwa Africa nkuko ibinyamakuru vyo muri Amerika bibivuga.
Uhereye kuri Perezida Trump, gushika kuri Tshisekedi utibagiye Perezida Kagame bose bagiye bagaragaza umwizero kuri aya masezerano kandi biyemeza kuyashiira mu ngiro.
Hagati aho intambara mu buseruko bwa Kongo zirabandanya hagati y’ igisirikanye ca Kongo hamwe n’ imigwi yitwaje ibigwanisho harimwo n’ uwa M23.

























