CoopérationhomepageInternationaleKirundisécurité

Visa zirenga ibihumbi 100 nizo zimaze guhagarikwa

Reta Zunze Ubumwe za Amerika yemeza ko mu mwaka umwe gusa imaze guhagarikwa visa zirenga ibihumbi ijana (100.000) nk’uko bishikirizwa na Marco Rubio, Umushikiranganji w’imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatangaje ko mu mwaka umwe gusa ko imaze gukuraho visa zirenga ibihumbi ijana. Ivyo bikaba ari ibitigiri bitari bwigere biboneka mu mateka y’ico gihugu. Muri izo visa, hafi ibihumbi 8 ni iz’abanyeshuri hamwe n’izindi zirenga 2.500 z’abantu bagiranye ibibazo n’inzego z’umutekano kubera kurenga amategeko canke kutayubahiriza neza.
Abicishije ku ruba rwa  Twitter ubu rwitwa X, Marco Rubio, Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu wa Amerika avuga ko bazobandanya kwirukana abantu bose babaye muri ico gihugu ku manyanga kugira ngo Amerika igume mu mutekano.
Zimwe mu mpamvu nyamukuru zatumye izo visa zihagarikwa ni kurenza igihe umuntu aba yemerewe kuguma muri Amerika, kutayubahiriza  amategeko yo muri ico gihugu canke kutayubahiriza hamwe n’izindi ngingo zijanye n’umutekano w’igihugu.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE