DivertissementhomepageKirundi

Wari uzi ko kugira urucanco rutangwe mu gihugu,bino bishobora gufata imyaka mirongo rukiriko rurirwa?

Mugihe muri Ndamukiza 2026 mu Burundi hazotangwa urucanco rwa cancer yo mubwinjiriro bw’igitereko ”cancer du col de l’uterus” kubigeme bakiri bato, intambwe zose zo kugira urwo rucanco rutangwe inyuma yo gusuzumwa n’abahinga mubijanye n’incanco zaramaze kurangira. Muri iyo sekeza ,abigeme barenga ibihumbi 900 bitezwe kuzokingirwa umugera ”papillomavirus humain HPV”.

Nkuko bisigurwa na muganga Jean claude Bizimana arongoye umugambi wigihugu uraba ivy’incaco PEV , kugira urucanco rwemerwe bifata igihe kirere, harabwa ko ataco rushobora kwonona kumagara y’abo rugenewe

”Mu mategeko y’ibijanye n’amagara y’abantu,urucanco abahinga barabanza bakarwiga mbere biratwara imyaka myinshi, hari n’izitwara imyaka 20 canke 30 bagikora ubushakashatsi, basuzuma ko ataco rwica.Ikintu ca mbere baherako ni ukuraba ko ataco urwo rucanco ataco rwonona kumagara y’abantu ,hanyuma bagasuzuma ko rukinga, gautyo rukabona gukoreshwa”, niko muganga Bizimana arongoye PEV abivuga

Mugihe Muri ndamukiza uno mwaka, hategekanijwe urucanco rugenewe abigeme kugira bakingirwe cancer yo murwinjiro rwigiterko,ibijanye n’izo ntambwe vyoba vyarakozwe imbere y’uko urwo rucanco rutangwa?
Muganga jean claude Bizimana agira ati:

”igihugu c’Uburundi kugira cemere ko urucanco rwinjira,burya abahinga muri za kaminuza barakoranye Reta ibibasavye iciye mu bushikiranganji bujejwe amagara y’abantu kugira barabe koko urwo rucanco rwoba rukenewe, bisunze ivyigwa vyakozwe, maze bemeza ko urwo rucanco rukenewe, banafatiye kubamaze guhitanwa n’iyo ndwara”.
Yongerako ko intambwe ikurikira ari iy’ikigo ABREMA ,Autorité Burundaise de Régulation des Médicaments à usage humain et des Aliments, kijejwe kuraba ko urwo rucanco rukwije ubuziranenge, arico giheza kigakorana n’izindi laboratware kugira bemeze urwo rucanco.

Ariko kandi isekeza ry’urucanco urwari rwo rwose mu burundi, co kimwe no mubundi bihugu ryama rivugwamwo ibihuha. Muganga bizimana hari ubutumwa atanga kuri iryo ryimirije hano mu Burundi. Agira ati:

”hariho abantu usanga bafise amakenga bibazo ko urucanco rushobora kugirira nabi abigeme bagenewe urwo rucanco rukababuza kurondoka. Ni ibihuha. uri 2016, harabaye isekeza ry’ibanze mu turere tw’ubuvuzi twa Rumonge na Ngozi abo bacandaze nubu bariho kandi baragiye kwubaka izabo kandi baranarondoka ”, niko muganga Jean Claude Bizimana arongoye PEV ahumuriza avuga

Urucanco bukaba ari uburyo bwo kurinda umubiri indwara hakoreshejwe imiti yihariye ituma urwanya imigera itera indwara
Mw’isekeza ryimirije abigeme barenga ibihumbi 900 bari hagati y’imyaka 9-14 mu gihugu cose bakaba aribo bitezwe kuronswa urucanco rubakingira indwara ya canseri yo mu rwinjiriro rw’igitereko mu mpera z’ukwezi kwa kane 2026
Ibiharuro bitangwa na PEV vyerekana ko mu kiringo c’imyaka 5 kuva mu 2017 Gushika mu 2022 abakenyezi barenga 1000 bahitanywe n’iyo ndwara, arico gituma uhamagaraira abigeme kwitabira urwo rucanco .

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE