BurundiEnvironementhomepageKirundi

Wari uzi ko Washington isigaye iri mu Kanyosha?

Ni ibenga riri mu ruzi Kanyosha hagati y’amakaritiye ya Kamesa na Busoro abahegereye bahita Washington. Abamenye ico kibanza kera bagifata nk’inzira y’urukiriro, niho haheze ibihe bitazwi abantu baza kuhasengera mu masaha y’umurango , bamwe basaba imigisha abandi bahakirira indwara.

Ariko ibi ntivyemerwa na bose, ni naho urwego rujejwe intwaro rwafatiye ruba rurahagaritse icitwa amasengesho cose cahabera, haraheze hafi ukwezi n’igice, ubu abahegereye bariruhutsa.

Ku rundi ruhande ariko, abahegereye baremeza co kimwe n’abahasengera ko iki kibanza hari abo cafashije.

Mu kwezi kwa munyonyo uruzi kanyosha rwaruzuye rubasanga bari gusengera aho, abagera kuri 3 baratwarwa baja gutorwa ibiziga hafi y’ishure rya Busoro muri Kanyosha ari co gushika n’ubu kigiteye amakenga abo banyamugere. Nk’uko babivuga hashobora kuba hari abahaza mu kinyegero bagasaba ko iyo ngingo yotsimbatazwa.

Urwego rujejwe intwaro muri ako karere rusanga ayo makenga afise ishingiro kubera ababpfuye baje kuhasengera. Evrard Ndikumana arongoye karitiye Kamesa ni umwe mu batware twavuganye asanga abakeneye kwambaza Rurema boja mu bibanza bizwi n’amategeko ariko kandi yemeza ko uwosubira gufatirwa muri iryo benga azoca ashikirizwa inzego z’umutekano.

Mu kwezi kwa munyonyo umwaka w’2025 hatowe abantu 3 bitavye Imana mu bari baje kwambaza Rurema muri iryo benga.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE