Inka icenda ziramaze gufatwa n’ingwara ya suna mu bice bimwe bimwe vyo mu ntara ya Kayanza cane cane mu makomine abiri. Nko muri Komine Gahombo hamaze kwibonekeza inka 7 zimaze gufatwa niyo ngwara : 6 ku musozi wa Businde hamwe n’1 ku mutumba wa Kavuvuma.
Nayo muri Komine Muruta, hamaze kwibonekeza inka 2 ku mutumba wa Gwagongwe.
Bimwe mu bimenyetso biranga iyo ngwara nk’uko bishikirizwa n’umuyobozi w’ibidukijije, uburimyi n’ubworozi muri iyo ntara ya Kayanza Adelin Niyonsaba abishikiriza, ni ibihere mu binono no mukanwa. Inka imaze kugira ivyo bimenyetso ngo ica ifatwa n’ubushuhe budasanzwe ntisubire kurisha hamwe n’ugutambuka.
Atera akamo aborozi bose ko mu gihe babonye ivyo bimenyetso ku bitungwa vyabo ko boca bihutira kubimenyesha abajejwe amagara y’ibitungwa mu ntumbero y’ugukinga irandagata ry’iyo ngwara kubera yandukira.
Mwomenya ko iyo ngwara ikunze gufatira mu binono hamwe no ku rurimi.