EntertainmentKirundiSociété

Bujumbura: Umuntu umwe aramaze kwitaba Imana abandi 6 barakomereka

Bamwe mu banyagihugu baba ku mutumba Gasenyi-Nyakabondo, Komine Mutimbuzi iri mu ntara ya Bujumbura bamenyesha ko umuntu umwe amaze kwitaba Imana, abandi batandatu barakomereka mu kiringo c’ukwezi kumwe biturutse ku busuma busigaye bwiraye muri ako gace canecane mu masaha yitereye. Abantu bakunze guca aho hantu ngo bibwa  ivyo baba bafise vyose atacamira. Basaba ababijejwe gutuza iyo mingwi ikora ubwo busuma.

 

Umwe mu banyagihugu baganiriye n’insamirizi Indundi Culture avuga ko ubwo busuma bumaze nk’ukwezi buriko burakorwa bukaba nk’igihe c’isaha imwe z’ijoro canke nk’isaha zitatu. Muri ayo masaha, umuntu ahaciye ngo baramuniga gushika ataye ubwenge bagaheza bakamwambura utwiwe twose bagasiga baravye aho baryamika. Abantu bamaze kuhamenyera ngo bugorovye baca bahindura ibarabara bacamwo.

Uwo mudandaza akorera aho ku mutumba wa Gasenyi-Nyakabondo amenyesha ko ubwo busuma butuma bakora badatekaniwe bakanugara utudandarizo twabohakiri kare, ivyo bigatuma bataronka abasumyi nk’uko vyahora.

Mu ntwaro ku rwengo rwo hasi bamenyesha ko abantu 4 muri abo bakora ubwo busuma bamaze gufatwa, ubu ngo bakaba bafuzwe nk’uko bishikirizwa na Amosi Ndacayisaba arongoye uwo mutumba. Arahumuriza abo arongoye ko bazobadanya batuza abo ba kaboko.

Uyo mutware  akanegura ko mu bakora ubwo busuma basanze harimwo abahurikiye  mu migwi  y’inyabune akabagabisha ko nabo bazofatwa nk’abahugabanya umutekano muri ubwo bugizi bwa nabi. Muri ubwo bugizi bwa nabi, umuntu umwe niwe amaze kwitaba Imana nayo batandatu barakomereka nk’uko amakuru atagwa n’abajejwe intwaro muri ico gice abandanya abivuga.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE