EntertainmentKirundi

Emmanuel Sinzohagera: Imbere y’umuzo w’abakoloni Uburundi bwari bwifashe neza mu bijanye n’intwaro

Afatiye k’ukungene ibijanye n’intwaro, ubutunzi be n’imibano vyari bitunganijwe imbere y’umuzo w’abakoloni, Emmanuel Sinzohagera ashikiriza ko ubumwe bw’abarundi bwabonekera mw’itunganywa ry’ibikorwa be n’imisi mikuru y’aho hambere tutibagiye ibikorwa abarundi bakorera hamwe mu kibiri kuko bari baratahuye ko nyamwigendako atarimira impeshi.

Hamabavu yo kurima, abarundi barangwa no gukora imyuga itandukanye nko gucura, kubumba, kwikorera impuzu bambara, kujisha be no kworora. Iyo myuga yose yatuma abarundi b’aho hambere baronka vyose bakeneye batarinze kuzera inze. Abarundi ngo bari bazi kandi kwironderera imiti kama yabasha kwivura mbere no kuvura ibitungwa vyabo.

Emmanuel Sinzohagera abandanya avuga ko imbere y’umuzo w’abakoloni Uburundi cari igihugu cifashe carangwa no gushira imbere Imana, kwubaha umwami no kwitaho igihugu nk’uko vyabonekera mu civugo caranze ingoma zose z’Uburundi arico : ” IMANA, UMWAMI, UBURUNDI”. Iki civugo ngo catuma mu barundi  habonekamwo ubumwe butavuye mu masezerano ahubwo bwari buhari nka kamere k’igihugu mu buzima bwa misi yose.

Mu mwaka wa 1896 niho abadagi binjira mu gihugu inyuma y’intambara y’umwami MWEZI GISABO. Inyuma y’aho, abadagi baciye bu barundi b’ibihemu: Kirima na Maconco, UMWAMI MWEZI GISABO yashize umukono ku masezerano y’ikiganda itariki 6 Ruheshi umwaka wa 1903 yemerera abadagi gutegeka igihugu cacu. Kuva ubwo, Uburundi buca butakaza ubwigenge bwari bufise, maze itunganywa ry’intwaro rirahinduka rija mu minwe y’abakoloni, ubutunzi burahungabana, imibano irasambuka maze amabi ndengakamere aba arinjijwe mu barundi.

Umukuru w’inama nkenguzamateka amenyesha ko kuva abakolini binjiye mu gihugu baciye bihagira ubutunzi bw’igihugu kuko hashizweho amakori y’akarenganyo kugira aje guteza imbere bimwe mu bihugu vyabo. Ivyo ngo vyatumye igihugu gitakaza ubwigenge mu butunzi no mu mibano.

Mwomenya ko ubwo bukoloni bwaje bushira inyuma ubumenyi bw’abarundi mu bijanye n’imyuga nk’uburimyi, ubworozi, ubuvuzi bw’abantu n’ibitungwa ndetse n’ubucuzi. Ivyo umukuru w’inama nkenguzamateka yabishikirije mu nama yo gushikiriza ivyavuye mu matohoza ku mabi yabaye mu gihe c’ubukoloni hamwe n’inkurikizi y’ihindurwa ry’intwaro yo mu 1925 mu Burundi.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE