Haribonekeza igabanuka ry’ivyamwa kw’isoko nkuru ya kijambere ya Cibitoke.
Bamwe mu badandaza ivyamwa bavuga ko vyavuye ku bukene bw’igitoro bituma kwiyunguruza baja kubirangura bibagora cane. Ivyamwa nk’imyembe, inasi, pastèque, ivoka n’imihwi bisa n’ivyamaze kugabanuka cane kw’isoko. Ivyo bitumwa n’uko kugira kw’isoko bitwara amafaranga menshi. Kuva aho igitoro gitanguye kuburira bamwe bamwe barahevye gukora urwo rudandaza.
Abo badandaza bamenyesha ko n’abaguzi babuze imyembe. Iyahora ku mafaranga 10000 ubu igeze ku mafaranga 5000, naho nyene abaguzi ntibihuta cane. Bamenyesha kandi ko hari n’iyibaborerako bagaca bayigurisha ku mafaranga make cene.
Ni mugihe abava i Bujumbura batakiza cane kurangura bitumwe n’ukwiyunguruza kwazimvye. N’abagize baraza gusuma ivyo vyamwa bemera kubitanga kumafaranga makeya kugira ntivyononekare.
Bagasaba ko hoboneka ibitoro ndetse hugururwe n’imipaka kugira haboneke abaguzi benshi.