Akuzi Nyamporogotwe gashobora kwonona ibintu n’abantu hamwe imvura yotangura kugwa ari nyinshi. Ako kuzi gaca ahari ibarabara Amsar muri zone Ruziba komine mugere intara ya Bujumbura ikiraro cako cariko kirubakwa ariko ubu ibikorwa bikaba bisa nkivyahagaze.
Ivyo bikorwa vyahagarariye rimwe n’ivyariko vyubakwa ku biraro biri kw’ibarabara rya amsar. Aho twagendeye hariko hubakwa ikiraro c’ako kuzi ka Nyamporogotwe twasanze hari ibikoresho bimwe bimwe ariko ata bubatsi bahari kuko ibikorwa vy’aho vyahagaze nk’uko bishikirizwa n’abo twahasanze.
Bamwe mu banyagihugu twahasanze bavuga ko kuva mw’ici riheze ata bikorwa bikiharangwa kuko bariko bakora ako kuzi kugira bagasubize mu nzira yako,kuko kugeza ino saha ikiraro kitarakorwa.
Ikindi cibonekeza n’uko ako kuzi aho kahora gaca kahinduriwe inzira ubu kakaba gaca mw’ibarabara rya amsar, bamwe mu banyagihugu bafise imihana ihegereye barara ntibuca kuko ari igihe c’imvura.
“Nk’ubu imvura iriko iragwa abo bagereye ako kuzi Nyamporogotwe barara umutima uhagaze bikeka ko amazu yabo ashobora kubagwako basinziriye.
Abo banyagihugu basaba ko ibikorwa vyobandanya kandi bikarangira vuba. Barasaba kandi reta ko ivyo bikorwa vyobanda kugira imihana yabo ireke gutwarwa.
Ibikorwa vy’ukubaka ikiraro ca Nyamporogotwe vyarahagaze haraheze amezi 3 nk’uko vyemezwa na bamwe mu banyagihugu b’aho. Ibikorwa nk’ivyo vyarahagaze no kukiraro Nyamusenyi ku ruzi Mugere vyose kandi biri kw’ibarabara rya amsar riva kw’ibarabara rikuru ry’igihugu inomero 3 rica muri komine mugere ryerekeza ku rugomero rw’uruzi Mugere mu ntara ya Bujumbura.
Ikigo kijejwe amabarabara, ARB kivuga ko ibikorwa vyo kwubaka ibiraro kw’ibarabara rya amsar bigiye kubandanya mu ndwi iza. Uwujejwe akarere k’uburengero muri ico kigo asigura ko icatumye ibikorwa bitabandanya vyavuye ku mwaka amafaranga reta ibaronsa urangira mu mpera zo muri Ruheshi.
Chadrac Niyonkuru avuga ko akuzi Nyamporogotwe kabangamiye imihana ikegereye bazogaha inzira kugira boroherwe mu bikorwa vyabo. Yongera agashikiriza ko inyuma yo kurangiza kwubaka kuri ico kiraro hazoca hakurikira ikiraro Nyamusenyi kiri k’uruzi Mugere n’aho atavuga ikiringo ivyo bikorwa bizotangurira.