Uwurongoye umugwi Flambeau du Centre wo mu ntara ya Gitega Kazohera Vénérend yaraye yemereye agashimwe k’imiriyoni 50 z’amarundi abakinyi biwe ndetse na Staff mugihe bokuramwo Al Akdhar yo muri Libia mu rukino rwo gusubiriza rwa CAF Conféderation Cup.
Ayo mahera akaba yaraye ayabemereye kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 23 Nyakanga 2025 ku kibuga Intwari mugihe yari yishikiye kwirabira imyimenyerezo y’uwo mugwi.
Iruhande yayo mafaranga imiriyoni 50, Vénérend yaciye atanga amadorari 200 ( 200$) ku muntu wese ari kurutonde rw’abazofata urugendo.
Ubushikirangaji bw’urwaruka inkino n’imicokama buhora butanga amadorari amajana atatu kuri buri umukinyi asohotse ( 300$) , Vénérend nawe yabemereye ayandi amajana 200$ yose Hamwe ni amadorari amajana atanu ( 500$) mugihe abo muri Staff Ubushikirangaji buhora butanga kuri umuntu umwe amadorari amajana ane ( 400$) ca wongerako ayo Vénérend yabemereye , yose hamwe ni amadorari amajana atandau ( 600$).
Mu rukino rwa mbere ruheruka guhuza Flambeau na Al Akhdar, Kazohera Vénérend yatanze agashirukabute kangana n’imiriyoni 30 z’amarundi bivanye n’uko uwo mugwi watsinze ibitsindo 2-1.
Flambeau du Centre izokina na Al Akhdar ku musi w’Imana igenekerezo rya 28 Nyakanga 2025 muri Libiya.
Mwomenya ko Flambeau du Centre yafashe indege kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 24 Nyakanga 2025.