Abanyeshure barenga 1700 nibo bakoze ikibazo co kwiga mu bisata vy’akarorero mu makaminuza atandukanye ari mu Burundi. Vyashikirijwe n’umushikiranganji w’indero n’ubushakashatsi François Havyarimana kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 10 Munyonyo 2025 mu bigo vya kaminuza y’Uburundi biri ku Mutanga i Bujumbura aho yugurura icese ikorwa ry’ikibazo ca Reta co kuja kwiga mu bisata vy’akarorero.
Inyuma yo gutanguza ico kibazo, umushikiranganji François Havyarimana yamenyesheje ko abanyeshure 1798 ari bo bari bitezwe gukora ico kibazo mu gihugu cose, ariko hakaba hiyongereyeko abaje gukora batari banditswe nabo bakaba bemerewe gukora banditswe.
Yamenyesheke kandi ko ico kibazo gifise intumbero yo kurondera abanyeshure bafise ubumenyi bukwiye bwo kwiga muri ivyo bisata vy’akarorero ari vyo igisata c’ubuvuzi (Médecine), igisata ca FABI, igisata ca FSI, igisata v’ibiharuro mfatiro ( Institut des statistiques appliqués) hamwe n’igisata c’ubuhinga bwa none.
Mu gihe abashika ku 400 bose bakoze ikibazo co kwiga mu gisata c’ubuvuzi (Médecine), umushikiranganji w’indero n’ubushakashatsi François Havyarimana amenyesha ko ijana ba mbere muri ico gisata ari bo bazokwiga muri Kaminuza y’Uburundi, abandi ijana jana bakirwe mu makaminuza y’abikorera utwabo ariyo : Kaminuza y’i Ngozi, Kaminuza y’umwizero wa Afrika hamwe na Kaminuza bita Olivia University bongere bahabwe na Reta ingurane yo kwiga nk’abandi biga muri Kaminuza y’Uburundi.
Akagabisha ko Kaminuza yohirahira ikakira abanyeshure barenga 100 mu gisata c’ubuvuzi izoca ifatirwa ibihano.
Ico kibazo kikazorangira gukorwa kuri uyu wa kabiri, abariko baragikora bakazohabwa amanota yabo kuri uyu wa kane.
Agahamagarira abanyeshure bariko baragikora,gukorana umutima mu nda birinde ubusuma, kuko uwereka uwundi azoba ariko amuha amahirwe yo kumutwara ikibanza.
Ikibazo kibaka gikorerwa kw’ishure ry’ubuvuzi ry’i Gitega, kuri Lycée Notre Dame de la Joie mu Ruyigi ku bo mu ntara ya Buhumuza, Kuri Lycée d’excellence i Makamba ku bo mu ntara ya Burunga, kuri Lycée Don Bosco i Ngozi ku bo mu ntara ya Butanyerera hamwe no mu bigo vya Mutanga na Rohero ku bo mu ntara ya Bujumbura.

























