EnvironnementhomepageKirundi

Addis-Abeba yatowe kwakira COP32 mu mwaka wa 2027

Etiyopiya yemejwe ngo izokwakire inama igira 32 ku vyerekeye ihindagurika ry’ikirere, izoba mu mwaka wa 2027.

Iyi nkuru ije inyuma y’imisi mike hasozerewe inama nk’iyi nyene COP30 I Belém muri Bresil, aho yaranzwe n’inyinyurana ridasanzwe hagati y’ibihugu vyo mu buseruko no mu burengero bw’isi harimwo n’ibihugu vyo muri Afurika, canecane ku kibazo cerekeye indinganizo y’uburyo bugenewe igisata co gukingira ibidukikije. Muri iki kibanza, Etiyopiya yarihanganye bikomeye na Nijeriya, ibi vyagize Etipiya igihugu ca mbere mu karere k’ubuseruko bwa Afurika cakiriye iyi nama.

Amakuru dukesha ibimeshamakuru vyo muri Etiyopiya avuga ko Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed yakiranye igishika cinshi iyi ntsinzi agirako anakeza akarere kose ka Afurika y’ubuseruko. Abiy Ahmed ahamagarira ibihugu vya Afurika kwunga ubumwe no kunama rimwe mu guhangana n’iki kibazo. Ku rundi ruhande umukuru w’igihugu ca Nijeriya bari bahanganiye iki kibanza, Bola Tinubu yakeje mugenziwe wa Etiyopiya n’igihugu ciwe, anashimangira ko igihugu ciwe kizobandanya gukora utwigoro dutandukanye mu guhangana n’ihindagurika ry’ibihe.

Mu nama ya COP30 muri Bresil, ibihugu vya Afurika vyagaraje n’umubabaro mwinshi uburyo akatari gake ibiba vyemejwe mu nama nk’izo bitaja mu ngiro, canecane kuvyerekeye uburyo ibihugu vyateye imbere arinavyo ahanini bifise amahinguriro ahumanya ikirere, bitegerezwa gutanga ku mwaka ku bihugu bigirwako ingaruka z’iryo hindagurika ry’ikirere.

Iyi nama kabaye akaryo ko guhamagariye ibihugu vyo mu bumanuko harimo na Afurika gushiramwo inguvu mu guharanira agateka kabo, gushikana ijwi ryabo kure no kugira imbono imwe kuri iki kibazo. Iyi mpamvu niyo yatumye Etiyopiya itsindira iki kibanza aho yashimikiye cane ku butungane kw’ihindagurika ry’ikirere hamwe no kurondera inyishu irama.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE