Ayatollah Ali Khamenei, Imboneza yamaho mu gihugu ca Irani yagirije abari mu myiyerekano ko ari «abasuma hamwe n’abasambura igihugu» bakorera Perezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump. Ivyo yabivugiye mu kiganiro ku mboneshakure ya reta. Aho ni inyuma y’imisi 12 imyiyerekano ikomeye imaze itanguye mu gihugu cose.
Mu ntango y’indwi iheze, abantu ibihumbi n’ibihumbi bihaye amabarabara ya Teherani n’ibindi bisagara vya Irani, inyuma y’akama katewe n’umusigwa w’umwami wa nyuma w’ico gihugu, Reza Pahlavi, ubu akaba aba mu buhungiro. Iyo myiyerekano niyo ikomeye cane kuva kuyiheruka yo muri 2022, ikaba yatewe n’ukwiyongera kw’ubukene, ibura ry’ibidandazwa vya nkenerwa, hamwe n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu.
Khamenei yavuze ati : «abo bantu bariko baronona amabarabara yabo kugira ngo bashimishe umukuru w’ikindi gihugu. Perezida Trump afise ibibazo vyinshi mu gihugu ciwe, vyoba vyiza yitaho ivyo mu gihugu ciwe aho kwivanga mu vy’abandi.»
Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu avuga ko abantu barenga 50 bamaze kwicigwa muri iyo myiyerekano, abandi barenga 2,000 bamaze gufatwa n’inzego z’umutekano binyuranijwe n’amategeko. Reta ya Irani yanategetse kandi ko ubuhinga bw’itumatumanako rya interneti buhagarikwa hatibagiwe n’irisanzwe ryo ku matelefone, kugira ngo ikumire ihanahanwa ry’amakuru n’uguhuza kw’abari mu myiyerekano.
Perezida Donald Trump yavuze ko «atazoreka reta ya Irani yice abanyagihugu bayo ata nkomanzi. », kandi ko Amerika «izotabara » mu gihe hoba ubwicanyi bw’abiyamiriza ubutegetsi. Khamenei yishuye avuga ko «intoke za Trump zuzuye amaraso y’abanya Irani », kandi ko «azokurwa ku betegetsi. »
N’aho hari ihagarikwa ry’ ihanahanwa ry’amakuru n’amasanamu, hari ayerekana abiyamiriza ubutegetsi bariko baturira imodoka za reta, ibibanza vyayo bitandukanye hamwe n’ibibumbano vy’abategetsi. Abasesanguzi bavuga ko iyi myiyerekano ishobora gutuma haba impinduka zikomeye mu butegetsi bwa Irani,canke bigatuma reta ikomera mu vyerekeye inguvu z’iterabwoba.
Irani ni igihugu gifise uruhara rukomeye mu karere k’uburasirazuba bwo hagati. Ihungabana ryayo rishobora kugira ingaruka ku bihugu nka Iraki, Siriya, Yemeni, na Libani. Amerika, Ubufaransa n’Ubwongereza vyasavye Irani kwubahiriza uburenganzira bwa zina muntu. Uburusiya n’Ubushinwa vyashigikiye Irani, bivuga ko ari «ibikorwa vy’iterabwoba ry’ivyiyumviro» vyatewe n’ibihugu vyo mu Burengero. Igabanuka ry’ibishorerwa hanze y’igihugu n’ihagarikwa ry’ibikorwa vy’ubudandaji, vyatumye ubutunzi bwa Irani burushirizaho kuzingama.

























