BurundiCoopérationhomepageKirundisécurité

Urwanda ruremeza ko ruherutse kugiriranira ibiganiro n’Uburundi

Urwanda ruvuga ko ruherutse kugiriranira ibiganiro n’Uburundi mu mpera z’umwaka twaraye duhejeje wa 2025. Bishikirizwa na Olivier Nduhungirehe, umushikiranganji w’imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu mu kiganiro aherutse guha ikinyamakuru ”Jeune Afrique”.
Umushikiranganji Olivier Nduhungirehe ajejwe imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu aremeza ko igihugu ahagarariye cagiranye ibiganiro n’Uburundi mu mpera za 2025 mu ntumbero yo gusukamwo mabisi ku cuka kitari ciza hagati y’ivyo bihugu bibiri.
Olivier Nduhungirehe yabishikirije mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Jeune Afrique, ku musi wa mbere uheze, igenekerezo rya 12 Nzero 2026 ku kibazo c’umutekano hagati y’Urwanda n’Uburundi.
Muri ico kiganiro Nduhungirehe yagaragaje ko ababajwe n’amajambo amwe amwe yavuzwe ku ruhande rw’Uburundi.
Ni mu gihe, ku ruhande rw’Uburundi, umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Édouard Bizimana, ashikiriza ko ibintu bibandanya kwunyuka kubera ko umugzi ugwana M23 “ushigikiwe n’Urwanda” ubandanya kwigarurira uburere mu buseruko bwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, ivyo bigatuma impunzi ziguma zisuka ku bwinshi mu Burundi.
Mu mubonano Bizimana aheruka kugiriranira n’umuserukizi wa Canada mu Burundi, afise icicaro i Kigali, yavuze ko “mu gihe amakungu atofata iki kibazo c’intambara muri RDC nka nkama, gishobora guhinduka imbarutso y’ihungabana ry’umutekano w’akarere kose.”

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE