homepageKirundisécurité

Muri Iran habandanya kuba imyiyerekano ikomeye

Mu gihugu ca Iran hakomeza kuboneka imyiyerako. Ni mu gihe haheze imisi 17 iyo myiyerakano ikomeye imaze itanguye muri ico gihugu.

Abo bari mu myiyerekano bamenyesha ko biyamiriza ukuntu ubuzima bwaho buguma buzimba bakongera bakanavuga ko abari mu ntwaro ya Ayatollah Ali Khamenei ari ku butegetse kuva mu mwaka wa 1989.

Haraheze imisi igera kuri itanu Leta ya Iran ifashe ingingo yo guhagarika mu bijanye n’ugukoresha internet mu gihugu kugira abari mu myiyerekano badashobora guhanahana amakuru.

Ni mu gihe Président wa Amerika Donald Trump yaraye ahamagariye abari muri iyo myiyerekano kuyikomeza kugira bahindure intwaro ihari ndetse anababwira ko agiye kubaha n’imfashanyo.

Naho hariko haraba ihagarikwa ry’ihanahanwa ry’amakuru n’amasanamu, hari ayerekana abiyamiriza ubutegetsi bariko baraturira amamodoka ya reta mu bibanza bitandukanye hamwe n’ibibumbano vy’abategetsi.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE