BurundiCoopérationEast African CommunityhomepageKirundisécurité

Ntiharagera ko imipaka hagati y’Uburundi na Congo yugururwa

Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Edouard BIZIMANA amenyesha ko hataragera ko imipaka hagati y’Uburundi na Repuburika iharanira Demokarasi ya Congo yugururwa.

Edouard BIZIMANA yabishikirije kuri uno wa kane, igenekerezo rya 29 Nzero 2026, mu nama yagiranye n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu Burundi.

Amenyesheje kandi ko umuhari urwana M23 n’ubu wabeshe ko wakuye ingabo zawo mu gisagara ca Uvira nk’uruyeri rwo kwipanga neza. Ubwo rero ngo ntawokwikajajara ko umutekano wabonetse muri ico gisagara.

Bizimana yamenyesheje kandi ko hari imigwi y’abarundi igwanira muri ico gihugu nka Red Tabara yabonetse yegereza urubibe rw’Uburundi mu kiyaya ca Rusizi.

Kubw’ibi vyose rero ngo ntawovuga ko imipaka igiye kwugururwa ubu nyene.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE