DivertissementKirundiSociété

Abarundi basohotse bava mu kigo EANSI bararonswa ubuzi

Abipfuza gukurikirana ivyigwa mu gice ca kabiri ca kaminuza mu bisata vyo gufungurira abantu no guhingura ibifungugwa barakoze ku ncuro ya kane ikibazo kibaha uburenganzira bwo kwiga ivyo bisata mu kigo EANSI. Abigisha muri ico kigo bashima ko iyo basohotse ico kigo baronswa ubuzi.

Ikigo c’akarere kijejwe kwigisha ivyigwa bijanye n’ugufungurira abantu hamwe no kwitaho imfungugwa EANSI kugira abarundi hamwe n’abantu baba mu karere k’umuryango wa Afrika y’ubuseruko bagire amagara meza, carakoresheje ikibazo gitanga uburenganzira bwo kwiga mu gice ca kabiri ca kaminuza (master mu congereza).

Ico kibazo cakozwe n’abagera kuri 96 ku bashaka kwiga ivyo gufungurira abantu bifadikanije n’amagara y’abantu, nayo kubashaka kwiga ivyo guhingura ibifungugwa bifadikanije n’amagara y’abantu 56. Aho ni mu gihe, hari hiyandikishije abashika 227. Abakoze ico kibazo bakaba baturuka hambavu y’abarundi muri bimwe bihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko nko muri Congo, Tanzaniya, Urwanda na Kenya.

Umwigisha ya kaminuza y’Uburundi mu gisata kijanye n’ivyo kurima no guhingura, Fabi mu mpfunyapfunyo z’igifaransa, akaba anigisha muri ico kigo EANSI, Paterne Nahimana yarashimye ko abarundi bakurikiranye ivyo vyigwa “iyo basohotse baronswa ubuzi yaba mu Burundi canke mu karere k’umuryango wa Afrika y’ubuseruko EAC, kandi n’amashirahamwe mpuzamakungu ahora aza gusaba ikigo EANSI abakozi”. Aha agahamagarira abarundi bariko barubaka amahinguriro nabone kubikorako kugira baze barapima ubuziranenge bw’ivyo baba bahinguye kugira ivyo bakora bishobore no kugurishwa mu Burundi mu bindi bihugu.

Ku wa gatanu, igenekerezo rya 27 ruhuhuma 2026, harakozwe ku ncuro ya kane ikibazo gitanga uburenganzira bwo kwiga igice ca kabiri ca kaminuza.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE