Bamwe mubakenyezi bageze muzabukuru babayeho mubuzima bubi kuko hari ababayeyo basegerereza mumabarabara haba mugisagara ca Bujumbura canke muntarata zo hagati mu gihugu. Ishirahamwe Urisanze riri muri quartier Carama ,commune Ntahangwa intara ya Bujumbura rifasha bene abo bakenyezi, ribona ko nubwo Reta igerageza kubitaho igitigiri cabo kiguma ari kinini. Zimwe mumvo ni ubukene mumiryango ahandi hamwe kandi nuko ikibano kitabitaho. Urisanze gihamagarira abo bose babishoboye kwitaho uwo murwi w’abageze muzabukuru kugira babeho neza.
Anne Marie Inezerwe aserukira iryo shirahamwe imbere y’amategeko, avuga ko ubuzima bw’abageze muzabukuru budashemeye, gutyo bamwe bakisanga mw’ibarabara gusega , abandi mubigo bibitaho
“Ubuzima bw’abantu bageze muzabukuru,ntibushemeye cane. Kuko iyaba bwari bushemeye aba ntibaba bari ngaha, baba bari iwabo. Mugabo baravuyeyo kubera ko babonye atakigenda, kubera ko batagira gifasha”, niko Inezerwe aramutswa ikigo c’iryo shirahamwe rikurikiranira muri ico abakenyezi bageze muzabukuru baharurwa muri 20 avuga.
Uwo arongoye ico kigo avuga ko bamwe muri abo bakenyezi bageze muzabukuru bahitamwo kuja mu mabarabara gusega, nka bumwe muburyo bwo kubaho
“kugira basaze neza, bategerezwa kuronka abantu babegera ,babegeranya. Ikindi kandi ni benshi , ubukene ni bwinshi, kubakurikirana ntivyoroshe”,niko uwo aramutswa ikigo Urisanze abandanya avuga
Kubwiwe abona ko bakwiye “gusansumwa’’ gutyo igitigiri cabo kikamenyekana, bikunze bagashobora gufashwa
“Reta yari ikwiye kumenya igitigiri cabo, gutyo hakamenyekana bamwe bamwe imfashanyo bogenerwa, bivanye n’ukuntu bamerewe’’,ni kimwe muvyo Anne Marie Inezerwe abona vyokorwa kugira aba bageze muzabukuru bitabweho.
Nayo nka zimwe muvo, asanga “hariho abaja mu mabarabara kubera ko basanze mw’ibarabara ariho heza kurusha , kubera hari ababaha udufaranga bataha batahanye”
Ukuba mu buzima bwo gusega kuri abo bakenyezi, imvo zakwo ziratandukanye: Ahishakiye Marthe w’imyaka 67, yazanywe muri ico kigo akuwe mw’ibarara kubera “kwangazwa” mumryango , inyuma yo kubura uwo bari bubakanye aho bari basanzwe baba i Buganda muyahoze ari intara ya Cibitoke, mu burengero bw’Uburundi
“Inyuma y’urupfu rwa se wiwe, umwana yaciye atangura kunyangaza,akantera ubwoba bwo kunyica, kandi aho n’inzu yari yaramaze kuyigurisha ntabizi, nca ntangura kwangara’’, niko Ahishakiye, ari mugukwiza imyaka itatu aba muri ico kigo yigana.
Yongerako ati: “aho mw’ibarabara nahaje ndiko ndasegerereza utwo ndya, nararwaye, nari naramugaye. Hano baramvuje kuko nari nararwaye, naramugaye na rirya n’inzara yarimwo kuko nirirwa ntariye”.
Kuva mumwaka wa 1990, ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryashizeho umusi mpuzamakungu wahariwe abageze mu zabukuru, muntumbero yo guhimiriza kugira ibibazo uwo murwi w’abantu cane cane mu bijanye n’amagara y’abantu hamwe n’ukubahrizwa mu gateka kabo vyitabweho
Ishirahamwe ryitaho amagra yabantu kw’isi OMS ryo , rigereranya ko gushika mumwaka wa 2050, abageze mu zabukuru bafise imyaka 65 n’iyirenga bazoba babarizwa mu bihugu vy’amikoro make canke abayabaye.

























