Umukuru w’Igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump yamenyesheje ko Amerika izova muri Iran mu ndwi zibiri canke zitatu ziri imbere mu gihe bazoba bageze ku masezerano canke batayagezeko.
Donald Trump avuga ko Amerika izova muri Iran mu ndwi zibiri canke zitatu igihe izoba izi neza ko ubutegetsi bwa Iran buzomara imyaka budashobora gukora igisasu kirimbuzi kiri mubwoko bwa Nikleyeri.
Mu kiganiro yakoranye n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 01 Ndamukiza 2026 mu cumba citwa” Oval Office” co mubiro vyiwe “White House”, Trump yavuze ko Iran irimwo kwinginga kugera ku masezerano ariko ko nimba ivyo bizobaho cankwe bitazobaho ataco bivuze.
Yabandanije amenyesha ko Amerika izova muri Iran vuba cane kandi ko igikorwa c’ingabo za Amerika muri Iran gishobora kurangira mu ndwi zibiri canke zitatu.
Mbere y’aho Perezida wa Iran Masoud Pezeshkian yavuze ko igihugu ciwe gifise ibikoresho vyo kurangiza intambara ,ko icangombwa gusa ari uko abansi bayo bizeza ko intambara itazokongera kuvyuka.
Trump yavuze ko Amerika yageze ku ntumbere yari yihaye imbere yuko ibitero vyo mu kirere kuri Iren bitangura mu mpera z’ukwezi kwa Ruhuhuma uyu mwaka ifadikanije na Israel.
Avuga ko intego nkuru yo kugabanya ubushobozi bwa Iran bwo kugira intwaro kirimbuzi ya nikleyeri yagezweho ndetse ko ubu Amerika iriko irarangiza umurimo.
Muri ico kiganiro kandi Trump yavuze ko ubu amerika yiganje mu kirere ca Iran ndetse ko yatumye habaho ihinduka ry’ubutegetsi nyuma y’iyicwa ry’abategetsi bo hejuru muri politike no mu gisirikare.
Yabandanije ashikiriza ko abayobozi bashasha bariho i Tehran ndetse ko bashira agaciro kurushaho agereranije n’ababasubirije.
Trump yongeye ko intambara ishobora kurangira ata masezerano ahabaye hagati y’impande zose.
Avuga ku kwiyongera kw’ibiciro vy’ibikomoka kuri peterori,perezida w’amerika yavuze ko bizogabanuka ako kanya amerika niyo yarangiza ibikorwa vya gisirikare vyayo.

























