Ivyaturikiye mw’ikambi y’abasirikare iri muri zone Musaga ngo nta sano bifitaniye n’ivy’abasirikare boba banka kuja muri Repubirika iharanira demokarasi ya Congo. Bishikirizwa na General de Brigade Gaspard Baratuza avugira igisirikare c’Uburundi, mu kiganiro yakoranye n’abamenyeshamakuru, i Bujumbura ku wa gatatu igenekerezo rya 1 Ndamukiza 2026.
Muri ico kiganiro, abamenyeshamakuru bamubajije nimba ibigwanisho vyahiriye mu bubiko bwa gisirikare bigaheza bigaturika vyoba vyavuye ku basirikare bashatse kwerekana ko badashaka kuja kugarukana amahoro mu gihugu kibanyi ca repubirika ihaaranira demokarasi ya Congo nk’uko bivugwa, Gaspard Baratuza yabishuye agira ati:
“Si vyo ! Kuja mu gisirikare ni umuhamagaro. Abo igisirikare c’Uburundi gihamagara, baza ku gushaka. Uwuje muri ubwo buryo rero nta kuntu na kumwe yogaba bamurungitse mu butumwa”. Yongera ati: “Uwovuga ivyo ni uwoba atazi ingene abasirikare b’abarundi ari intwari ku rugamba. Muri Somalia babita ba ‘Papa Burundi’ kubera ishaka berekanye. Muri Centrafrique hose barabahayagiza. Wanashaka muri ivyo bihugu ni ho urugamba ruhanitse kurusha. Ni gute none abantu bovuga ngo abasirikare baratinya kuja muri Congo, aho banamenyereye kubera ari igihugu kibanyi?”
Ku bwa Gaspard Baratuza, abasirikare ngo si abaca-ngero. Abantu ngo bakwiye kumenya ko Congo ari ubutumwa nk’ubundi basanzwe bajamwo. Ngo kuki batokwanka kuja muri Somalie canke ahandi uretse Congo ?
Ni inyuma y’umuriro wadutse mu bubiko bw’ibigwanisho buri mw’ikambi ya gisirikare y’i Bujumbura mw’ijoro ryo kuwa kabiri igenekerezo rya 31 Ntwarante 2026, aho ivyaturitse vyahitanye ubuzima bw’abantu 13 (civiles), abandi 57 harimwo abasirikare 3 bagakomereka tutibagiye amazu n’ibintu vyononekaye.

























