BurundihomepageKirundiSante

Bujumbura : Abarenga 30 bariko baravurwa ingwara ya Choléra 

Ivyatumye ingwara ya Choléra yarasubiriye kugwira muri iyi ndwi cane cane muri zone ya Kinama, Komine Ntahahangwa mu gisagara ca Bujumbura, harimwo inyifato itameze neza y’abanyagisagara baba mu burere buhanamiye iyo zone, nk’uko bishikirizwa na Lyduine Baradahana, umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu no kurwanya Sida. Hari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru i Bujumbura kuri uyu wa 2 Ndamukiza 2026.

Umushikiranganji Baradahana amenyesha ko muri iyi misi itatu iheze, iyo ngwara yasubiye kwibonekeza ku murindi munini aho ku wa 1 Ndamukiza honyene abagwayi 18 bakiriwe mu bitaro bavuye muri iyo zone ya Kinama.

Avuga ko amazi yagabanutse muri iyo zone kubera ibikorwa vy’ibarabara rya Bubanza-Bujumbura biriko birakorwa. Ariko hambavu y’ivyo bikorwa, ikindi ngo catumye iyo ngwara yiguma yibonekeza muri iyo zone ari canecane inyifato itabereye abanyagisagara baba mu burere buyihanamiye nka karitiye Winterekwa na Gisandema, barungika imyanda myinshi biciye mu ruzi Nyabagere.

“Ababa muri ayo makaritiye bafashe imiringoti y’aho begeraniriza imyanda bayishira mu ruzi Nyabagere.” nk’uko uwo mushikiranganji abanndanya abishikiriza. Mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu bavuga ko bafise imihana n’amazina y’abakoze ivyo bintu. Bakabasaba kuzibira iyo miringoti iserukira mu nzuzi no mu miserege kuko aribo bariko baratuma umugera ukwiragira mu gisagara.

Uwo mushikiranganji avuga ko guhera kuwa 6 Ndamukiza 2026, ibihano bijanye n’isuku bizotangura gutangwa. Aributsa kandi abanyagisagara ko kizira kuvoma amazi ku miringoti isohoka iva mu miserege kuko ngo nko muri karitiye Bubanza yo mu Kinindo arivyo vyatumye bafatwa n’iyo ngwara.

Umushikiranganji Baradahana aragabisha abanyagihugu bo mu mazone basanze basanze batagira utuzu twa surwumwe mu mihana yabo ko bagiye gufatirwa ingingo zibereye.

 

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE