AfriqueEast African CommunityhomepageKirundi

RDC: Perezida Tshisekedi ashobora gusubira kwiyamaza gutwara igihugu

Perezida wa repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo Félix Tshisekedi, yavuze ko ashobora kwemera kwiyamamaza mu gihe yoba asabwe n’abanyagihugu ko yokwongera gutwara ico gihugu mu kindi kiringo ca gatatu.

Mu kiganiro yagiranye n’abamenyesha makuru ku murwa mu kuru wa Kinshasa, Tshisekedi yavuze ko mu gihe hoba hagize igihinduka canke ivugururwa ry’itegeko nshinga ivyo bitakorwa hatabanje gukorwa inama y’abanyagihugu biciye majwi yabo, référendum mu rurimi rw’igifaransa.

Kuva aja ku butegetsi mu mwaka wa 2019, ikibazo c’uko ibwirizwa nshingiro rishobora kuvugururwa kugira ngo yemererwe kongera kwiyamamaza mu kiringo ca gatatu, cabandanyije giteza impari nyinshi muri poritike y’ico gihugu.

Izo mpari zishingiye ku gitekerezo gishikirwa n’itsinda riri hafi ya Perezida, risaba ko itegeko nshinga ryohindurwa ariko ivyo bikaba vyateje impari zikomeye mu gihugu.

Abayobozi b’amadini n’amashengero y’abaporoti bagiye bagaragaza impungenge zabo. Bavuga ko iyo mpinduka ishobora guhungabanya demokorasi cane cane ingingo igena igihe umuntu ashobora kuyobora igihugu.

Perezida Tshisekedi kandi yagarutse ku kibazo c’umutekano mu buseruko bw’igihuhu avuga ko mu gihe intambara zo mu ntara ya kivu yo mu buseruko no mu burengero zokomeza bishobora gutuma amatora ategekanijwe muri 2028 ataba.

Yagize ati :”nta bishoboka gutegura amatora mu gihe ibice bimwe vy’igihugu bidashobora kuyitabira neza.” Atanga akaroro ku gihugu ca Ukraine aho intambara yagiye irahungabanya integuro z’amatora“.

Ibi vyatangajwe boshobora gutera ikindi kibazo kuri kazoza k’ubutegetsi bw’ico gihugu cane cane kuri ayo matora yimirije no guhindura ibwirizwa nshingiro ry’ico gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE