BurundiCommercehomepageKirundi

Uko wotangura ubucuruzi bugatera imbere kandi bukaramba

Mu Burundi no mu karere ka Afrika y’ubuseriko, ubucuruzi buriko buraba inkingi y’iterambere ry’ubutunzi n’ukwitunganiriza imigambi. Ariko n’aho hari amahirwe menshi, abenshi bama batangura ubucuruzi ariko ntibushobore kuramba.

Hari abantu baba bipfuza umugambi w’ubudandaji ariko ugasanga hari abatanguye gutsinda n’abandi usanga batanguye gucika intege. Akenshi ntibiba biva mu kubura umutahe mwinshi ahubwo ni uburyo bwo gutegura gucunga no guteza imbere uburucuzi mu buryo burama.

Iyo uba ufise iciyumviro gitahuritse(Clear Business Idea) uburucuzi bwose buhera mu kwiyumvira. Ariko ico ciyumviro gikwiye kuba mu kugitorera umuti ikibazo kiriho kwi soko mu gihe ushobora kuba ufise abakiriya bashobora kukigura kandi kika kuzanira ninyungu(Akarorero:Dudatiye aha mu gisagara ca Bujumbura, ibikorwa vya Mobile Money ,ukudandaza ibifungugwa ,canke service zo kunguruza abantu rifise isoko rinini kubera ko ivyipfuzo vy’abantu vya buri munsi.

Gukora ubushakashatsi kw’isoko (Market Research) imbere yo gushora amafaranga,ni ngombwa kumenya neza isoko :ni bande uzocuruza,bakeneye iki,ni bande muhanganye murico gihe biragufasha kwirinda igihombo no gufata ingingo zishingiye ku makuru ufise ishingiro.

Mu gihe uba ukeneye gutegura umugambi w’ogutangura uburucuzi (Business plan)umugambi w’ubucuruzi ni nk’ikarata y’inzira ucamwo intumbero z’ubucuruzi uburyo bwo gushika ku bakiriya amafaranga azokoreshwa n’inyungu ushobora kuzo kura muri ivyo bidandazwa n’ivyo woba utararondera ingurane muri bank ivyo bituma umenya neza iyo ushobora kuja.

Ama sanganya menshi ava mu budandaji aturuka ku mafaranga ukeneye gushika kuntemburo nziza andika buri gihe ivyo winjiza n’ivyo ukoresha kugira ntuvange buri munsi ivyo winjiza n’ivyo ukoresha ,ntuvange n’amafaranga y’urugo n’ayubudandaji bwawe ya shire kuruhande inyungu kugira ashobore guhangana n’ibihe bigoye.

Ubucuruzi ntibushobora kubaho ata bakiriy kugira ubiyegurire utanga service nziza kandi yihuta ukumviriza ivyupfuzo n’ibibazo vyabo bisaba kurema ukwizigirwa”trust”Abakiriya banyuzwe baragaruka kandi bakamenyekanisha ibikorwa vyawe ku bandi.

Muri iki gihe , ubucuruzi budakoresha ubuhinda bwa none burasigara inguma nko mu kwamamaza biciye ku mbuga ngurukanabumenyi ,gukoresha Mobile Money mu kwishurwa, gukoresha téléphone mu gukurikirana abakiriya ivyo bituma ugera kwi soko rinini kandi bigabanya n’ama costs.

Isoko rirahinduka buri gihe uwudashoboye kwihindura arahomba ongeramwo ibicuruzwa canke service nshasha hindura ibiciro ukwirikije isoko gerageza ubuyo bushasha bwo kwamamaza, ubucuruzi burama ni ubushobora kwihindura uko ibihe bihinduka.

Kubaka izina ryiza birusha agaciro kwamamaza,guma kuba umwizigigwa mu kazi tanga ibicuruzwa bifise ubuziranenge wubahirize amasezerano iyo abantu bakwizigiye, ubucuruzi bwawe burakura ata n’amatangazo menshi arinze kuhaba.

Isi y’ubucuruzi irigwa buri munsi ,kurikirana inyigisho n’amahugugwa, soma inkuru n’ivyigwa ku bucuruzi ,ganira n’abandi bacuruzi kugira wige udasigara inyuma.

Kubaka ubucuruzi burama si urugendo rworoshe,ariko birashoboka bisab gutangura neza ,gucunga neza amafaranga,kwitwararika abakiriya no kwikira impunduka.

Uwutangura afise intumbero itahuritse kandi agakwirikiza izi ntambwe ,aba yongereye amahirwe yo gutsinda no kuramba ku isoko.

Intambwe ntoya ifashwe neza irashobora kugushikana kure cane.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE