East African CommunityhomepageKirundiSante

RDC: ingwara ya Ebola irabangamiye abanyagihugu

Mu gihugu kibanyi ca repubirika iharanira demokarasi ya Congo, ingwara ya Ebola iriko itera intuntu abanyagihugu baho. Imiryango myinshi irabura uburyo bwo gufubana iteka abayo bahitanwa n’iyo ngwara. Agihinda n’umubabaro nivyo vyibonekeza muri bo.

Abantu benshi bagaragaye bahagaze kure, barabana intimba abakozi b’amagara y’abantu bambaye impuzu zidasanzwe zo kwikingira bariko bakora imigirwa yo guhamba abapfuye.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’aby’abakw’isi, World Health Organization “WHO”, ryatangaje hagati mu ndwi ko hari abantu bashika 600 bakekwa kuba baranduye Ebola hamwe n’abantu 139 bakekwa kuba bishwe n’ico kiza muri EDC no muri Uganga. ishirahamwe WHO ryamenyesheje ko ivyo biharuro bishobora kwiyongera kuko ico kiza kihamaze indwi zitari nke. Ariko rero reta ya Ouganda irahakana ko ico kiza ca Ebola coba kiri muri ico gihugu.

Ico kiza kikaza cafashe ahanini buseruko bwa RDC, gifitaniye isano n’ubwoko budasanzwe bwa Virusi ya Ebola bwitwa “Bundiburyo”. Kandi gushika ubu nta rushinge rwemewe rwo gukinga ubwo bwoko bwa Ebola ruraboneka.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE