EntertainmenthomepageInternationaleKirundi

Hemejwe itegeko ribuza abana gukoresha imbuga ngurukanabumenyi

Ubufaransa bwabaye igihugu ca mbere ku mugabane wa Buraya gishizeho itegeko ribuza abana bari munsi y’imyaka 15 gukoresha imbuga ngurukanabumenyi . Iryo tegeko ryemejwe n’inama Nshingamateka na Nkenguzamateka rikazotangura gukurikizwa guhera muri Nzero 2027.

Iryo tegeko ritegekanya ko umuntu wese ari mu Bufaransa azosabwa kwemeza imyaka yiwe imbere yo kugurura canke kubandanya gukoresha ikonti yiwe ku mbuga ngurukanabumenyi.

Iyo ngingo ije mu gihe ibihugu bitandukanye harimwo Ubwongereza hamwe n’Ubumwe bwa Buraya (EU), biriko biriga uburyo bwo gushiraho amategeko asa n’ayo, kubera impungenge z’uko imbuga ngurukanabumenyi zishobora kugira ingaruka ku magara yo mu mutwe y’abana.

Perezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron yashimye iyo ngingo, kuko yari imwe muvyo yari yarasezeranye gushira mu ngiro imbere y’uko arangiza ikiringo ciwe c’ubutegetsi.

Uko iryo tegeko rizoshirwa mu ngiro, ni mu mice ibiri

-Umuce wa mbere: guhera muri Nyakanga 2026, abana bari musi y’imyaka 15 ntibazoba bemerewe kwugurura ikonti nshasha ku mbuga ngurukanabumenyi. Muri ico gihe kandi, umuntu wese ashaka kwugurura ikonti nshasha azosabwa kwemeza imyaka yiwe.

-Umuce wa kabiri: guhera muri Nzero 2027, iryo tegeko rizokora ku makonti yose asanzwe ahari. Ivyo bisigura ko umuntu wese ari mu Bufaransa azosabwa kwerekana ko afise n’imiburiburi imyaka 15 kugira abandanye gukoresha izo mbuga.

Uburyo bwo kugenzura imyaka y’abakoresha

Imbuga ngurukanabumenyi zizokenera gukoresha uburyo bwo kugenzura imyaka y’abakoresha bwemejwe n’urwego rw’Ubufaransa rujejwe gukingira amakuru y’ibanga y’abantu.

Reta y’Ubufaransa ivuga ko hari uburyo bwa none kandi bwizewe bwo kugenzura imyaka y’abakoresha, kandi ko bushobora gufasha gushira mu ngiro iryo tegeko neza.

Ariko, hari abagaragaje amakenga ku bijanye no gukingira amakuru y’ibanga y’abakoresha, ubushobozi bw’ubwo buryo bwo kugenzura imyaka, hamwe n’uko abana bashobora kugerageza kuburengako.

Bamwe kandi baranegura umuvuduko iryo tegeko ryateguwe kandi ryemejwemwo, bavuga ko hakenewe umwanya uhagije wo gusuzuma ingaruka zaryo.

 

 

Umushikiranganji w’Ubufaransa ajejwe ivy’ubuhinga bwa none, Anne Le Hénanff, yavuga ko ata ngorane zikomeye zizoba mu gushira mu ngiro iryo tegeko kuko uburyo bwo kugenzura imyaka bwari busanzwe buriho.

Iri tegeko ni kimwe mu bikorwa Ubufaransa buriko burashiraho mu rwego rwo gukingira abana bato ku ngaruka zishobora guterwa n’imbuga ngurukanabumenyi cane cane ku bijanye n’amagara yabo yo mu mutwe, umutekano wabo hamwe n’ikoreshwa ry’ubuhinga bwa none ku bana.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE