#Sport#EntertainmenthomepageKirundi

Umugambi w’abagwizatunga muri FIFA: UEFA iragabisha

Amashirahamwe 55 agize ishirahamwe ry’umupira w’amaguru i Buraya, UEFA yatoreye hamwe, kuri uyu wa kane igenekerezo rya 30 Mukakaro 2026, ko yoshobora kwanka kwitaba ihiganwa ry’igikombe c’isi hamwe n’ayandi mahiganwa ategurwa n’ishirahamwe FIFA, mu gihe uwo umugambi mushasha wa FIFA wo guha abagwizatunga wobandanya.

Ivyo bikurikiye ingingo yatangajwe kuwa kabiri igenekerezo rya 28 Mukakaro n’umukuru wa FIFA, Gianni Infantino, aho yavuze ko ashaka kugurisha imigabane imwe y’ishirahamwe rifise mu maboko gutegura amahiganwa ya FIFA, kugira ngo hinjire abashoramari b’abikorera.

Uwo mugambi waciye utera impari n’ukutawemeranya kwinshi mu mashirahamwe y’umupira w’amaguru kw’isi, aho UEFA ivuga ko ushobora guhungabanya ukwikukira kwa FIFA n’ingene amahiganwa mpuzamakungu ategurwa.

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane w’iburaya (UEFA) hamwe n’amashirahamwe 55 arigize yamenyesheje ko ryiyamirije ata gukekeranya umugambi wa FIFA wo kugurisha ku bashoramari bigenga igice c’uburenganzira ku gikombe c’Isi n’ayandi mahiganwa ya FIFA.

Mwi tangazo ryasohowe inyuma y’inama yabaye ku wa Kane, UEFA yavuze iti:

Kuva uno musi, nta n’umwe mu makipe y’ibihugu bigize UEFA azokwitabira amahiganwa ya FIFA mu gihe uwo mugambi uzoba ukiriho.”

UEFA yavuze ko amahiganwa ashobora gukorwako n’iyo ngingo harimwo n’Igikombe c’Isi. Yashimangiye ko Igikombe c’Isi atari ikintu co kugurishwa canke gufatwa nk’ishoramari, ahubwo ko ari intoranwa y’umupira w’amaguru yubatswe n’ibisekuru vy’abakinyi, ama ekipe y’ibihugu hamwe n’abakunzi b’umupira bo kw’isi yose. Kubw’ivyo, ngo nta gice na kimwe caco gikwiye guhabwa abashoramari bigenga.

Ku wa 28 Mukakaro, FIFA yari yatangaje umugambi wo gushinga ishirahamwe rishasha rizocungera ibikorwa vyayo vy’ubudandaji kugira rikwegere abashoramari bo hanze. FIFA ivuga ko uwo mugambi woshobora gukwegera imari irenga amadolari y’Abanyamerika miliyari 10 yo guteza imbere umupira w’amaguru, kandi ko gushika ku bice 20% vy’umutahe w’iryo shirahamwe bishobora kugurishwa ku bashoramari bigenga.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE