Umukuru w’Igihugu yagirije bamwe munyamiramabi kutarangwa n’akarangamutima bakorohereza akajagri mukurya ibiturire.
Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye anegura igiturire kiranga bamwe mu bapolisi, ibituma haba akajagri mugihugu.
Mu birori vyo gutanga impapuro z’umutsindo hamwe no gutanguza umwaka w’ishure wa 2025-2026 mw’ishure w’intwazangabo z’igipolisi ahitwa Mitakataka muri komine Bubanza yo mu ntara ya Bujumbura, kuri uyu wa Kane, Perezida Evariste Ndayishimiye yaneguye bamwe mu ntwazangabo z’igipolisi bafasha guhungabanya umutekano w’igihugu mukwemera kurya igiturire.
Perezida Ndayishimiye yatanze akarorero k’ahantu hatandandukanye mu gisagara ca Bujumbura hazwi ko hakirirwa igiturire n’abajejwe umutekano ,gutyo bakorohereza abateza akajagari.
“Ntwazangabo muri ngaha cane cane mukorera mugisagara ca Bujumbura kumusi wa Gatanu, wa Gatandatu n’uwamungu guhera isaha zitatu z’ijoro kuri Ntahangwa y’epfo n’iya ruguru,satatu igeze haba hageze ko bagenya.Bitwaza ngo bariko baraba imborerwa ngo ntizigonge abandi,mugabo bariko barondera amahera gusa. Imborerwa irabandanya ikigira kuko itanze amahera.”, Niko umukuru wigihugu yemeje.
Yongeyeko ko nawe azokwigira imborerwa kugira afate abapolisi barya ibiturire aho kuntahangwa.
“Jewe nanje nzokwigira imborerwa,ngende bamfate ndayatange, mugabo nawe azoba afashwe. Kuko ntayindi nzira mbona ihari . Intwazangabo iba itwara ako karere nzoca ndayihamagara ndayibaze, niyo izobihanirwa”, niko prezida Ndayishimiye yabandanije avuga.
Mugihe mu gihugu hamaze imisi hibonekeza amasoko asha , umukuru wigihugu yanehuye kandi akajagari kaboneka mu gutanga ibibanza vyo kubaka mumasoko bigatuma bigorana kuzimya iyo umuriro wadutse.
” Muramaze kubona iyo amasoko ahiye, muza kuzimya mikabura aho muca. None baba bubatse muri rirya barabara ryo mw’isoko muri he? Ni kubera ko urya yahubatse aba yapfumbatishije uwujeje umuntu”, Niko yabandanije avuga.
Yasavye abo barangije inyigisho zo kuba inyamiramabi gushira mungiro ivyo bize , harimwo kurinda bakanka kwakira igiturire kuko bajejwe kurwanya akajagari.
Yatumye intwazangabo kuja zirashika ahubakwa amasoko kugira zirabe koko ko Hari inzira zisigazwa z’ahazocishwa imiduga izimya umuriro mugihe wokwaduka.
























