A la UneAgricultureKirundiSociété

Kubera iki muri ino minsi indimu zizimvye cane?

Mu mazone nka Mubone na Kabezi ya komine Kabezi intara ya Bujumbura, ni bimwe mu bice vy’iyo ntara vyibonekezamwo ibiti vy’ivyamwa nka mandarine ,imicungwe ,imyembe hamwe n’indimu.  Ibiti vy’indimu ariko bisa n’uko bitagwiriye ,mbere igiciro kuri ico camwa caraduze cane ku masoko aherereye muri ico gice, canke mu gisagara ca Bujumbura  ahashorerwa ico camwa c’indimu.

Bamwe mu baba muri ico gice c’intara ya Bujumbura baremeza ko barwije ibiti vy’ivyamwa nka mandarine n’imicungwe gusumvya ibiti vy’indimu.Umwe mubakenyezi baba muri zone Mubone agira ati:”Mfise ibiti vya mandarine bitanu mwitongo ryanje Kuko aho mba  ari hato, nayo  igiti c’indimu nari mfise cari kimwe cumye gihagaze n’ico umucungwe carumye nsigaranye ibiti vya mandarine vyonyene”

Abafise ibiti vy’ico camwa c’indimu hamwe kandi n’ibindi nk’imicungwe ,baremeza ko indimu muri kino gihe arizo bakuramwo amafaranga menshi bagereranije n’ivyo bindi vyamwa iyo vyeze.

“Indimu zine ntonto canke  nininini  zisumvya kure niyo agaciro imicungwe ingana nazo”,niko umudandza w’ibifungurwa bitandukanye mw’ isoko ya Kabezi avuga.Abadandaza bavuga ko muri ino myaka hari ukuduga kudasanzwe kw’igiciro  kuri ico camwa.

Ariko naho biri uko hari bamwe mu banyakabezi babona ko igisa n’ikena canke iduga ry’igiciro kuri ico camwa ryoba kandi rinatumwa n’uko atari mw’iyera ryaco hamwe nuko kandi ubu zijukiwe gukoreshwa cane.

“Kare indimu ntazo birukira cane kugura, mugabo ubu indimu zisigaye zifise akamaro cane kubantu, kubera muri bimwe mubifungurwa hari abasigaye bashiramwo indimu…abantu benshi bokwijukira kuzirima kuko indimu imwe igurwa amafaranga y’amarundi  500 canke 1500 ,canke mbere agashika na 2000.

Mu misi yahera igisamba cagurwa amafaranga 1000, ubu umufuko ushobora kugurwa amafaranga ibihumbi amajana abiri (200.000),nk’uko bamwe mubadandaza b’aho mu Kabezi bavyemeza.

Zizimvye kuko atari mu iyera ryazo

Ariko kandi hari abafise ibiti vy’ico camwa c’indimu baroranisha  iduga ry’igiciro caco,canke ukutarwizwa kwaco n’uko muri kahise kitakundwa cane nk’ibindi vyamwa.Abandi babona ko indimu zizimvye cane muri kino gihe kuko atari mu gihe c’iyera ryazo.

Mu ntara ya Bujumbura haramaze kuvugwa indwara zifata ibiti vy’ivyamwa, bigatuma umwimbu wavyo utaba mwiza. Abajejwe uburimyi bahamagarira abarimyi kwirinda kuja baratera ibiti vy’ivyamwa vya kera ariko nyabuna bakijukira imivyaro ya kijambere ishobora kurinda izondwara.

Indimu, hari abayikoresha nk’umuti wa zimwe mu indwara (inkorora) abandi bakayishira muvyo bafungura nko kunyama y’ingurube muri kino gihe yataziriwe akabenzi kubayihereza.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE