A la UneSport

FFB yagenye abagiye gufasha imirwi nserukira gihugu yindi ibiri yarisigaye

Abamenyereza bagenywe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB n’abagiye gutegura imirwi ibiri y’Intamba mu Rugamba CHAN hamwe n’uwabatarenza imyaka 17.Iryo genwa ribaye inyuma yo kwerekana umumenyereza mukuru w’abakuze Patrick Sangwa agiye kumenyereza umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba.

Hari kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 12 Munyonyo umwaka wa 2024 aho ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryashira ahabona urutonde rw’ abamenyereza n’abo bakorana bagiye kumenyereza imirwi ibiri,umwe w’abakinyi bakinira mu Burundi mu kurondera ubunganzira bwo kwitabira inkino z’igikombe ca Afrika CHAN,uwundi w’abatarenza Imyaka 17

Umumenyereza mukuru w’Intamba mu rugamba CHAN ni Omar NTAKAGERO (asanzwe ari umumenyereza mukuru w’umurwi Musongati FC),icegera ciwe ni Jean De Dieu RUKUNDO batazira Dodi (Asanzwe ari umumenyereza mukuru wa Flambeau du Centre), umumenyereza w’abanyegori ni Amidou HASSAN (asanzwe ari umumenyereza w’abanyegori mu mugwi wa Rukinzo FC)

Kurundi ruhande umumenyereza mukuru w’umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 17 ni Haruna FERUZI (asanzwe ari icegera c’umumenyereza mukuru w’umurwi Vital’o FC) icegera ciwe ni Aboubakar MIBURO (asanzwe ari umumenyereza mukuru w’umugwi Rukinzo FC)
ni mugihe umumenyereza w’abanyegori ari Aboubakar NDAYISENGA (asanzwe ar’umumenyereza w’abanyegori mu murwi Vital’o FC)

Ivyo bibaye mu gihe hatanguye inkino zo gukurakuranamwo mu kurondera ubunganzira bwo kwitabira inkino z’igikombe ca Afrika CHAN,Uburundi bukazohura n’igihugu ca Uganda mu kwezi kwa Kigarama umwaka wa 2024.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE