Bamwe mu banyagihungu baba muri komine ya Mwumba intara ya Ngozi bavuga ko guharika bitarahera muri ico gice ,bagasigura ko bamwe mubakora ivyo babikora nk’ubuhizi.Nubwo biruko bamwe nbaremeza ko iyo ngendo ifise ingaruka ku miryango kuko ingo zisambuka ndetse bikagorana no kurera abana .Abajejwe intwaro bashikiriza ko amahimiriza abandanya kugira iyo ngendo ituzwe.
Bamwe mubakenyenzi bo muri komine ya Mwumba y’intara ya Ngozi bavuga ko bamwe mu bagabo batorohereza abo bubakanye ,bagatanga akarorero k’umugabo yirukanye umupfasoni wiwe afise umwana araheza ntiyagira ico anamufasha.
Ikindi bamwe bashikiriza nuko hariho ababana batanditswe bigatuma umukenyezi atubahwa canke ngwagire agateka mu rugo .Abaganiriye n’uruganda rwacu basaba ko amategeko yokubahirizwa kuneza yabubakanye,hanyuma abatayubahirije bagashengezwa na cane cane ko kwirerana umwana bivuna.
Mu mwaka wa 2017 abajejwe intwaro barafashe ingingo zokubuza abantu kubana bidaciye mu mategeko uyo mugambi ukaba wari werekeye igihugu cose aho abubatse bidaciye mu mategeko babagabisha ko bashobora guhanwa .
Umuhanuzi wa buramatari mu ntara ya Ngozi ajejwe imibano Kitonze sandrine aremeza avuga ko ingendo yo guharika yahungabanije imiryango muri iyo ntara ,akanemeza ko nubwo hatangujwe umugambi wo gutandukanya abababna bidaciye mu mategeko ko n’ubu hakiri abatarawitabira ariko ko bagiye kubandanya bahimiriza abo barongoye mu ntumbero yo gukinga ibibazo vyo kwaduka muri kazoza.