KirundiSport

Abakinyi 30 batumweko mukurondera itike yokwitabirira inkino za CHAN

Umugwi nserukiragihugu ugiye gukina inkino zibiri muri kuno kwezi kwa kigarama, Uburundi buzotana mu mitwe n’umugwi nserukiragihugu wa Ouganda ku magenekerezo ya 21 na 27 kigarama 2024 mu kurondera uburenganzira bwo kwitabira inkino zihuza imigwi nserukiragihugu y’abakinyi bakinira mu bihugu vyabo CHAN.Umumenyereza agira kabiri Rukundo Jean De Dieu batazira,yatumyeko abakinyi 30 agiye gukoresha kugira azotoremwo abo azokwifashisha muri izo nkino.

Izo nkino Uburundi bugiye gukina zigiye kwitegurirwa mu gihe umumenyereza mukuru Omar Ntakagero atazoboneka muri izo nkino zibiri, uburongozi bwa’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB bukaba bwaciye bugena Jimmy Ndayizeye kuba umumenyereza mukuru.

Uru nirwo rutonde rw’abakinyi bagiye kwitegurira izo nkino:
1.Daniel Hakizimana
2.Ntibahezwa Dieudonné
3.J.Marie Harerimana
4.Wilondja Ismaël
5.Yakubu Uwimana
6.Bishaza Chris Neddy
7.Karimu Kamana
8.Asmani Amissi
9.Alain Trésor Igiraneza
10.Shabani Didier Zokora
11.Kagayo Shabani
12.Mossi Nduwumwe
13.Arteta Ndikumana
14.Destin Maniriho
15.Prince Mugore
16.Ulimwengu Hakizimana
17.Nicolas Kanyamukenge
18.Olivier Dushime
19.Bukuru Keita
20.Manirakoze Abdoul
21.Djuma nzeyimana
22.Issa Hubert Nsabimana
23.Kevin Icoyitungiye
24.David Irishura
25.Abdi Ineza
26.Darcy Nshimirimana
27.Gloire Tambwe
28.Edson Munaba
29.Shaka Bienvenue
30.Desire Iradukunda

Imyimenyerezo itangura kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 10 Kigarama 2024 igihe c’isaha cumi z’umuhingamo (16h) mu kigo c’ubuhinga CTN kiri mu Ngagara abakinyi 21 biteguye mu gihe 9 bakiriko barakina inkino zibiranane mw’ihiganwa rya Primus ligue.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE