Imwe mu miryango yo mu gace ka Musufe,karitiye Nkenga-Busoro,zone Kanyosha,komine Muha mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura yahuye n’ibomagurika ry’amazu haheze ikiringo c’imyaka irenga ibiri basaba ko bokwimurwa kandi bagafashwa nk’abaheruka kwimurwa bagera ku 250.Abo banyagihugu bafise impungenge ko bashobora kuhasiga ubuzima mu gihe atacokorwa.Abajejwe intwaro bamenyesha ko amahiriza abandanya na cane cane kubakinana badashaka kuva ngaho.
Imiryango imaze kwimurwa muri ico gice kiguma gisenyagurika irashika ku 250 kuyirenga 300 mu kiringo c’amezi arenga 3 ,nk’uko bivugwa n’abahaba ,abimuka barabandanya.Abo banyagihugu bo muri ico gice co mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura bamenyesha ko batekewe n’ubwoba ko bashobora kuhasiga ubuzima mu gihe atacokorwa.
Abo banyagihugu bemeza ko bageramiwe,babona ko iyo miryango yose yokwimurwa muri ako karere kuko kuva hatanguye gusenyagurika ata gikorwa co kuhasanura kiratangura gukorwa.Nk’uko vyemezwa n’abajejwe intwaro ku rwego rwo hasi muri ico gice, Reta ifadikanije n’abayifasha nk’amashiramwe mpuzamakungu, umuryango utabara imbabare Croix-Rouge, Unicef -Belgique na Caritas Burundi bafashije iyo miryango mukuyiha amabati akwiye inzu hamwe n’amafaranga ibihumbi amajana abiri ku muryango umwumwe kugira baje kurondera ahandi baba.Abo bajejwe intwaro bamenyesha kandi ko imwe mu miryango iriko iranana kuhava .Abo bajejwe intwaro ariko bakemeza ko amahimiriza ariko arabandanya kugira nabo bakunde bimuke.