EconomieEnvironementKirundiPolitiqueSociété

Gitega:Harakozwe ubwoko bw’imbabura bushasha

Imbabura yakozwe n’urwaruka rwo mu ntara ya Gitega ,ikaba ihingurwa hifashishijwe ivyuma ariko ikaba ikoresha amavuta ava mu miduga canke muma pikipiki.Urwaruka rwakoze iyo mbabura ruvuga ko ihangiro ari ugukingira ibidukikije gutyo n’umurindi wo guhonya amashamba.

Iyo mbabura yakozwe n’urwaruka ruva mu ntara ya Gitega rwagiye hamwe,rukemeza ko ari imbabura igezweho kuko ikoreshwe n’ubuhinga budasaba amakara.Umwuka ukoresha izo mbabura bita “Ta igiti” uva mu mavuta yakoze y’imiduga n’amapikipiki bita mobile .

Cedric Nkurunziza ari mubatanguje uyo mugambi avuga ko mukwiyumvira iyo mbabura bashaka gukingira ibidukikije ,akagira ati:”iyi imbabura twayikoze mu ntumbero yo gufasha gukingira ibidukikije, iyi mbabura irakomeye kandi ifise n’isuku ryinshi”.

Yamara uyo ari mubatanguje umugambi ntahakana ko izo mbabura zizimvye kuri bamwe ,agasigura ko ahanini biva kw’ikena ry’ibikoresho zihingurwamwo uretseko ata n’amahinguriro akora ivyuma bazikoramwo ari hono mu Burundi.Imbabura imwe ikaba igurwa amafaranga agera 150.000fbu,ivyo navyo bikaba bibera intambamyi umunyagihugu afise amikoro make.

Urwo rwaruka rusaba kworoherezwa mukwinjiza ibikoresho biva hanze kugira harwizwe izo mbabura kandi ziboneke ku giciro kitavuna.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE