Harategekanijwe urukino rwo kwibuka amateka y’umumenyereza Kanyenkore Jean Gilbert Yaoundé yamenyereje ikiringo kitari gito Vital’o FC n’imigwi itari mike mu Rwanda muri kino asanzwe akitswe n’amagara mu ntumbero yo kumushigikira.
Urwo rukino rwateguwe n’abakinyi bahoze bakinira umugwi Vital’o Fc bazotana mu mitwe n’abaririmvyi b’abarundi. Urukino rukaba rutegekanijwe kw’igenegerezo rya 12 Nzero 2025 ku kibuga c’ubuhinga CTN kiri mu Ngagara.
Muri urwo rukino bitegekanijwe ko amafaranga azotozwa azoca ahabwa uwo mu muryango w’umumenyereza Kanyenkore Jean Gilbert Yaoundé kugira abandanye kugura abandanye yivuza
Ibiciro vyo kwinjira bikaba vyaramaze no kuja ahabona, mu kibanza gisanzwe ni amafaranga y’amarundi ibihumbi bibiri (2000fbu) mugihe mu bwugamo ari amafaranga ibihumbi bitanu (5000fbu) ,hakaba hitezwe n’abakinyi bazoba bavuye mu bindi bihugu ariko benshi bakiniye Vital’o Vitalo FC.
Kanyenkore ni rimwe mu mazina akomeye mu mupira w’amaguru mu Rwanda hamwe no mu Burundi cane cane mu mugwi Vital’o, Kanyonkere yaramenyereje umugwi nserukira gihugu w’Urwanda”Amavubi”.
Kanyenkore yaramenyereje imigwi ikomakomeye yo muri ico gihugu nka Rayon sports, APR , Kiyovu Sports, hamwe na Bugesera.
Uwo mu menyereza akiri muri Staff y’umugwi Vital’o akaba yatwaye ibikombe 21 mu mateka ari umumenyereza.