Kenny Claude Nduwimana na Didier Ndihokubwayo barengutse imbere ya sentare mu mwambaro w’icatsi kibisi , umwa mbaro w’abanyororo. Kenny Claude yarengutse imbere ya sentare isubiramwo imanza ya Bujumbura inyuma y’imyaka ibiri apfungiwe mw’ibohero rikuru rya mpimba.
Sentare nkuru ya Mukaza yari yaramwejeje ku vyaha yagirizwa vyo gutuka inzego no guhungabanya umutekano w’igihugu. Umushikirizamanza yaciye amwungururiza aho mu rubanza rwo kuri uyu wa kabiri yamwagirije ivyo vyaha nyene aho yeretse sentare inzandiko z’ubutumwa avuga ko zakuwe muri ngendanwa za Kenny Claude. Izo nzandiko, amatelephone n’imachini vya Kenny Claude sentare yavuze ko atavyo ifise. umumenyeshamakuru Kenny Claude yabwiye sentare ko ivyo vyemezo atari vyo ari ibihimbano aca asaba ko izo telephone n’imachini vyiwe vyoshikirizwa sentare kugira ibone ko ataho yanditse atukana. Yabwiye sentare ahubwo ko iryo rementanya ryakozwe n’abagomba kugurisha mu manyanga parcelle iri mu gisagara ca Bujumbura maze akabikorako inkuru aciye mu kinyamakuru ciwe JAC TV haraheze imyaka ibiri.
Umushikirizamanza yasabiye Kenny Claude Nduwimana umunyororo w’imyaka 5 n’ihadabu ry’umuliyoni w’amafaranga y’amarundi. Uwo mumenyeshamakuru yasavye sentare kwezwa n’abashingwamanza biwe batatu nabo basavye sentare kweza uwo baburanira bavugako ingingo 230 y’igitabu kigenga uko imanza zitohozwa zikongera zikaburanishwa itegeka umushikirizamanza kwereka sentare ivyemezo itakurikijwe. Sentare ikaba yaciye ishira urwo rubanza mu mwiherero rukazosomwa mukiringo kitarenga ukwezi.
Urundi rubanza rwumvirijwe imbere ya sentare nkuru ya Mukaza ni urw’umumenyeshamakuru yahoze akorera radio maria Burundi Didier Ndihokubwayo amaze amezi 11 apfungiwe mu mpimba. Umushikirizamanza amwagiriza gutunga ibirwanisho bidaciye mu mategeko hamwe no kwiyita general atajejwe umutekano.
Mu mburano ziwe avuga ko vyose vyatanguye kuwa 8 kigarama 2024 aho yaragendewe n’umugenzi wiwe w’umunyarwanda yitwa Evariste Mugisha ariko agafatirwa n’iperereza ku rubibe rwa Kobero ataramushikira. Yabwiye sentare ko amaze kumenya ko yahagaritswe yahamagaye kuri telephone abategetsi batandukanya harimwo n’umushikiranganji wa mbere w’ico gihe abasaba ko yorekurwa. Uwamufashe yamusavye kumusanga ku biro iwe kugira bavugane uko umugenzi wiwe yorekurwa, mu nyuma igipolisi cahavuye kija gusaka ku rugo iwe aho cahatoye inkoho yo mubwoko bwa pistolet, igikoresho c’akazi ko kumenyesha amakuru gifata amajwi enregistreur n’ibindi vyafashe nk’uko bigaragara mu vyegeranyo vyo mw’iperereza no muri parquet Didier Ndihokubwayo nawe yateyeko umukono.
Didier ariko yahakanye ko ata nkoho yari atunze ahubwo atazi aho abamusatse bayikuye. Sentare imubajije igituma ivyegeranyo bibivuga yabiteyeko imikono yisiguye avuga ko ari uko yari yahohotewe mw’iperereza. Ku bijanye no kwiyita general ntiyabihakanye yasiguriye sentare ko iryo zina yaryiyise kuri whatsapp yiwe. umushikirizamanza yamusabiye gupfungwa imyaka 10 ariko nawe asaba kwezwa. Nawe nyene sentare ikaba yaciye ishira urwo rubanza mu mwiherero rukazosomwa mu kiringo kitarenze ukwezi.